Uburundi, Urwanda na Republika ya Congo iharanira
demokarasi vyiyemeje kunagura ishirahamwe IRAZ. Abashikiranganji bajejwe
imigambi y’uburimyi mu bihugu vy'Urwanda, Uburundi na RD Congo bamaze imisi ibiri
bakoraniye i Mashitsi muri komine Giheta, mu ntara ya Gitega, aho bafashe
igingo y’uko ibihugu baserukira bitanga, mu misi ya vuba, amafaranga ashika hafi
umuriyaridi, agenewe kunagura ishirahamwe IRAZ, rijejwe imigambi y’ubushakashatsi
mu vyerekeye uburimyi n'ubworozi mur'ivyo bihugu bitatu.
Inyuma y'ibikorwa vy'iyo nama, harashinzwe inzego nshasha z’ishirahamwe IRAZ.
Intambara yamaze imyaka irenga cumi mu Burundi, yarasinzikaje inyubakwa z’iryo
shirahamwe. Zimwe zarasambuwe, izindi zakira impuzi zataye izabo, bituma ibikorwa
vy’iryo shirahamwe bihagarara. Ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda n'intambara yo
muri Congo-Kinshasa biri mu bindi bituma bikomeye vyahagaritse akazi k’ishirahamwe
IRAZ. Reta z'Uburundi, Urwanda na Republika ya Congo iharamira demokarasi nti zari
zigitanga intererano isabwa.
IRAZ ni umugambi w'ishirahamwe CEPGL ufise icicaro mu Burundi. Ishirahamwe
CEPGL naryo rifise icicaro i Gisenyi mu Rwanda, igihugu ca Congo naco kikaba cahawe
guteza imbere umugambi w'umuyagankuba SINELAC mu bihugu vy'Urwanda,
Uburundi na RD Congo. Kubera intambara zabaye mur'ivyo bihugu bitatu, ibikorwa
vy’ishirahamwe CEPGL navyo nyene vyarahagaze. Mur’iki gihe ishirahamwe ry'ibihugu
vya Bulaya na Reta Nzunze Ubumwe za Amerika biriko birafasha mu mugambi wo kunagura
iryo shirahamwe.