Uko wahagera

Inagurwa ry’Ishirahamwe IRAZ


Uburundi, Urwanda na Republika ya Congo iharanira demokarasi vyiyemeje kunagura ishirahamwe IRAZ. Abashikiranganji bajejwe imigambi y’uburimyi mu bihugu vy'Urwanda, Uburundi na RD Congo bamaze imisi ibiri bakoraniye i Mashitsi muri komine Giheta, mu ntara ya Gitega, aho bafashe igingo y’uko ibihugu baserukira bitanga, mu misi ya vuba, amafaranga ashika hafi umuriyaridi, agenewe kunagura ishirahamwe IRAZ, rijejwe imigambi y’ubushakashatsi mu vyerekeye uburimyi n'ubworozi mur'ivyo bihugu bitatu.

Inyuma y'ibikorwa vy'iyo nama, harashinzwe inzego nshasha z’ishirahamwe IRAZ. Intambara yamaze imyaka irenga cumi mu Burundi, yarasinzikaje inyubakwa z’iryo shirahamwe. Zimwe zarasambuwe, izindi zakira impuzi zataye izabo, bituma ibikorwa vy’iryo shirahamwe bihagarara. Ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda n'intambara yo muri Congo-Kinshasa biri mu bindi bituma bikomeye vyahagaritse akazi k’ishirahamwe IRAZ. Reta z'Uburundi, Urwanda na Republika ya Congo iharamira demokarasi nti zari zigitanga intererano isabwa.

IRAZ ni umugambi w'ishirahamwe CEPGL ufise icicaro mu Burundi. Ishirahamwe CEPGL naryo rifise icicaro i Gisenyi mu Rwanda, igihugu ca Congo naco kikaba cahawe guteza imbere umugambi w'umuyagankuba SINELAC mu bihugu vy'Urwanda, Uburundi na RD Congo. Kubera intambara zabaye mur'ivyo bihugu bitatu, ibikorwa vy’ishirahamwe CEPGL navyo nyene vyarahagaze. Mur’iki gihe ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya na Reta Nzunze Ubumwe za Amerika biriko birafasha mu mugambi wo kunagura iryo shirahamwe.

XS
SM
MD
LG