Uko wahagera

Ingaruka z'Igabanuka ry'Agaciro k'Idolari kw'Isi


Mu kiganiro Andre Nikwigize, umuhanuzi mukuru mw'ishirahamwe ryerekeye ubutunzi muri Afrika bita, "Commission Economique Pour l'Afrique" mu rurimi rw'igifransa, yahaye Ijwi rya Amerika, yavuze ko igihugu ca Amerika muri iyi myaka itanu irangiye cagize ingorane nyinshi zerekeye ubutunzi aho cane cane idolari ryataye agaciro ibice birenga mirongo ibiri na bitanu kw'ijana.

Yatangaje ko ivyatumye idolari rita agaciro ari vyinshi, ngo yamara harimwo cane cane imyenda y'umurengea Amerika ifitiye amakungu, ingurane z'umurengera Amerika yahaye abanyagihugu kugira bashobore kwubaka amazu hanyuma ntibashobore kwishura.
Ugutakaza agaciro k'idolari bikaba biteye amakenga ibihugu vyinshi harimwo n'ibihugu vyo muri Afrika. Avuga ko nkuko bizwi, ibihugu vyo muri Afrika bifise ubutunzi bucumbagira.
Akamaro k'idolari ngo s'agaseseshwarumuri, ngo idolari ryamye riri kw'isonga ry'amafranga y'agaciro akoreshwa mu butunzi haba mu vyerekeye ubudandaji, haba mu vyerekeye ububiko bw'amafranga y'agaciro amabanki makuru uo kw'isi abika.

Andre Nikwigize avuga ko ingaruka z'itituka ry'idolari cane cane mu karere ka Afrika ni nyinshi. Amafranga y'agaciro y'ibihugu vyinshi ava mu nfashanyo no muvyo ivyo bihugu bishorera hanze, akaba ari navyo ivyo bihugu bikoresha mu kugura ivyo bikeneye hanze, vyaba ivy'ugukoresha mu mahinguriro, vyaba ibifungugwa, canke ibitoro.

Ameneysha ko iyo rero idolari ritaye agaciro, hari ingaruka zibiri nkuru.
Ubwa mbere , amafranga yose y'agaciro yinjira arata agaciro ku buryo amafranga aba akenewe y'ukugura ibivuye hanze aba make.
Ica kabiri n'uko kenshi na kenshi iyo idolari ritaye agaciro, ku bihugu vya Afrika, bikoresha amadolari kugira bigure ivyo bikeneye hanze, amafranga ivyo bihugu bikenera aba make muri ivyo bihugu. Iduzwa ry'ibiciro vy'ibitoro n'ibifungugwa bikaba vyaje kwiyongera kuri ico kibazo.

XS
SM
MD
LG