Umugenduzi mukuru w'ikigega ca Reta Alexandre Nakumuryango
mu kiganiro yahaye abanyamakuru kur'uwu wa kabiri atangaza ko ubushikiranganji
bw'ubutungane budakurikirana bikwiye amadosiye y'abagirizwa kunyuruza amatungo
ya reta.
Mur'ico kiganiro Alexandre Nakumuryango yamenyesheje ko
ubugenduzi bw'ikigega ca reta bumaze gushira ahabona amadosiye ajanye no
kunyonora amatungo ya reta mirongo ine n'umunani ariko abajejwe kuyakurikirana
ngo ntanakimwe bakora. Umugenduzi mukuru wa reta asaba bokwisubirako.
Amadosiye avugwa cane ni indege zaguzwe zitigeze ziguruka,Interpetrol,ibiharage vyaguriwe abaporisi, imiduga yaguriwe abasitanteri idakomeye, ikoreshwa ry'indege ry'ishirahamwe Air Burundi...
Mu madosiye yose umugenduzi mukuru ntavuga amafaranga yanyurujwe ariko ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire rikunda gushikiriza ko amafaranga yanyurujwe ashika ku miriyaridi ijana na mirongo icenda y'amafaranga y'amarundi.
Ubugenduzi bukuru iyo bukoze amadosiye buyarungika muri parake, iyo nayo akaba ariyo iba ijejwe gushengeza abagirizwa mur'ayo madosiye. Reta yarashinze inzego zijejwe kugwanya ibiturire n'ubusuma ariko amashirahamwe yigenga avuga ko atanakimwe cahindutse kubera ko mu bisata vyinshi havugwa ubusuma bw'amafaranga ya reta. Uburundi buri mu bihugu cumi vya mbere bivugwamwo ibiturire kurusha ibindi kw'isi nk'uko vyemezwa n'abakurikiranira hafi ico kibazo.