Uko wahagera

Ibihano nk'Uburyo bw'Uguhindura Inyifato y'Ibihugu


Mu gihe igihugu kanaka cumva ko bikenewe gufatira ibihano ikindi gihugu, umukuru w’igihugu canke abagize inama nshingamateka barafise ububasha bw’ugufata ivyo bihano. Yamara Tom Weiss, umwigisha wo kuri kaminuza, “City University” y’i New York yavuze ko ibihano bifashwe n’uruhande rumwe gusa rutagishije inama abandi bitoroshe gushigwa mu ngiro. Profeseri Weiss avuga ko ari gake igihugu kimwe kiba gifise ububasha buhagije bw’ugutuma ibihano bigira akamaro kubera hama hari ubundi buryo butari buke bw’uguca I ruhande y’ivyo bihano.

Kubera ari ibihugu bikeyi bifise ububasha bukwiriye bw’ugutuma ibihano bishigwa mu ngiro neza, kenshi ivyo bihugu bifata ivyo bihano biciye mu rwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi mu mwizero w’ugufata ibihano bishigikiwe n’ibihugu bitari bike bigize urwo rwego.

Urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi rwarakoresheje ububasha bwarwo kugira rufate ibihano mu gihe amahoro kw’isi yari ageramiwe, n’igihe utwigoro twerekeye ibiganiro twaba twananiwe. Mu kiringo c’imyaka mikeyi irangiye, icahsimikiweko cane n’ugufata ibihano bigenewe abari ku butegetsi mu gihe birondera kwirinda gusinzikaza abanyagihugu ataco bagira.

Yamara naho hari utwigoro tw’amakungu tw’ugutuma ibihano bishigwa mu ngiro, abahinga batari bake bavuga ko bidashobora gukoreshwa vyonyene ubwavyo, ko bikeneye kuba biri kumwe n’iyindi migambi kugira bishobore kugira akamaro. Abitegereza ibintu bavuga ko kenshi ibihano bigeramira abatishoboye, abantu ivyo bihano biba bigenewe gufasha mu bisanzwe, yamara bizobandanya gukoreshwa kubera aribwo buryo bwonyene buhari bw’ukuremera amareta biba bifatiwe buri hagati y’ibiganiro n’inguvu za gisirikare.

XS
SM
MD
LG