Uko wahagera

Umwumvikano Muke mu Nama Nshingamateka y’Uburundi


Inyuma y’aho umugambwe CNDD-FDD ukuriye Alice Nzomukunda mu mugambwe, ukongera ukamukura mu kibanza c’icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, abashingamateka bamwe bo mu mugambwe Frodebu baciye basaba umugambwe CNDD-FDD kubanza gusigurira ugwego gw’inama nshingamateka icatumye Alice Nzomukunda akurwa mur’ayo mabanga.

Umushingamateka arongoye umugwi w’abashingamateka bakomoka mu mugambwe Frodebu, Pierre Claver Nahimana, avuga ko Alice Nzomukunda atwara abashingamateka bahurikiye mu migambwe itandatukanye, ngo kikaba arico gituma atoca akurwa mu mabanga y’icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, abashingamateka batihweje amategeko yisunzwe mu kumura mur’ico kibanza.

Umuvugizi w’umugambwe CNDD-FDD, Onesime Nduwimana, wewe siko abibona. Avuga ko mu gihe Alice Nzomukunda akuwe mu mugambwe CNDD-FDD, ntashobora kuguma mu kibanza c’icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, kuko yakironse kubera ko yari mu mugambwe CNDD-FDD.

Nduwimana arongera akavuga ko mu gihe abashingamateka bo mu mugambwe Frodebu bashaka ko aguma mur’ico kibanza, ngo bakwiye kubanza kumushira mu mugambwe wabo, hanyuma bakamuha ikibanza cegukira uyo mugambwe.

Ido n’ido ry’ivyashikirijwe n’abo bashingamateka mur’iki kiganiro gikurikira:

XS
SM
MD
LG