Uko wahagera

Imigambi y'Ishirahamwe, "Rusenyi Coffee Growers"


Umuyobozi w’ishirahamwe, “Rusenyi Coffee Growers”, ryimbura rikongera rigashorera hanze ikawa, Robert Bigrimana, avuga ko mu rugendo baherutse kugira muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bari baje kurondera abo boshobora gukorana. Ngo baragiraniye amasezerano n’irindi shirahamwe ryikorera ku giti caryo riri muri Amerika. Yamara amenyesha ko bagize ibibazo kubera iryo shirahamwe ritubahirije amasezerano bari bagiraniye. Bakaba bategerejwe kurondera abandi Bantu bokorana.

Robert Bigirimana, umuyobozi w’ishirahamwe, “Rusenyi Coffee Growers”, amenyesha ko vyabatwaye ikindi gihe kirekire ngo yamara barashitse kuvyo bari bifujije. Avuga ko muri iki gihe baronse abandi bakorana. Akaba arico gituma basubiye I Kigali aho bari muri iki gihe, kugira bategure igihe c’umwimbu wo mu mwaka uza w’2008.

Robert Bigirimana amenyesha ko kubona baragize ibibazo ari ibintu bishika mu gihe umuntu aba agitangura, kubera batari bwamenyere Amerika ngo yamara igihe bamaze muri Amerika vyarabafashije kumenya kurushiriza isoko ryo muri Amerika. Avuga ko bamaze kubonako abantu benshi bakunda ikawa yabo. Arangiza avuga ko bagiraniye amasezerano meza n’abanyamerika. Kubera izo mvo, ngo nibaronka umwimbu uhagije uzoronka isoko ryiza.

XS
SM
MD
LG