Uko wahagera

Indwara zo mu Mutwe mu Burundi


Mu Burundi, ikibazo c’ abantu bagwaye ingwara zo mu mutwe kirabandanya gutera amakenga. Naho igitigiri cabo Bantu caduze cane mu myaka irenga icumi Uburundi bwamaze mu ngwano, gushik’ ubu mu gihugu cose hari ibitaro bitoyi bimwe vyonyene vyakira abantu bagwaye ingwara zo mu mutwe. Ivyo bikavuga ko n’ abaganga banonosoye ubuhinga bwo kuvura ingwara zo mu mutwe badakwiye.

Norbert Munyentwari, umuforoma mukuru mu buvuzi bw’ ingwara zo mu mutwe, avuga ko ikintu ca mbere gikwiye gukogwa mu gufasha abantu bagwaye ingwara zo mu mutwe, ar’ ukuvugira ahabona ibibazo vy’ ingwara zo mu mutwe, kumenya ko abantu bagwaye ingwara zo mu mutwe ar’ abantu nk’ abandi badakwiye gukumigwa, kwigisha abantu bakamenya ibimenyetso vy’ izo ngwara, hanyuma kumenyesha abantu bagwaye aho bashobora kuja kugira bafashwe.

Norbert Ntiruhwama avuga kandi ko ikindi kintu gihambaye mu gufasha abo bantu bagwaye ar’ uko igisata kijejwe ivy’ ingwara zo mu mutwe mu bushikiranganji bw’ amagara y’ abantu cokwibukwa kigahabwa uburyo bukwiye kugira ngo abantu bagwaye ingwara zo mu mutwe baronke aho bivuriza, abaganga n’ imiti bikwiye.

XS
SM
MD
LG