Uko wahagera

Abigisha bo mu Mashure Yisumbuye mu Burundi Bahagaritse Akazi


Akamo katewe n'ishirahamwe ry'abigisha CONAPES ko guhagarika akazi kuva ku wa mbere igenekerezo rya munani ry’ukwezi kw’icumi, karitabwe mu mashure menshi yo mu gihugu. Mu gisagara ca Bujumbura amashure ya reta nti yakoze. Abigisha bamwe nti bagiye ku mashure, abagiye nabo nti binjiye mu mashure.

Mu gihugu hagati, naho nyene imirimo yarahagaze mu mashure yisumbuye ya reta. I Gitega havugwa amashure yisumbuye menshi, abanyeshure bihaye amabarabara baja kuyerera. Abavyeyi basaba ko abana bokurikiranwa mur'iki gihe ca yegereyegere y'abigisha. Abayobozi b'amashure nti biborohera gucunga abana ataco bariko barakora. Abarongoye amashure afise uburaro, bafise amakenga ko yegereyegere ibaye ndende, ishobora kugira ingaruka mbi mu bigega, kuko kugaburira abana batariko bariga ari agahombo, umwaka nawo ukazoca uba muremure.

Mu ntara za Bubanza, Makamba, Cibitoke, Bururi na Ruyigi, abigisha bitavye ingingo yo guhagarikwa akazi ari Benshi, nk'uko bivugwa n'abajejwe intwaro, basaba abigisha kudata abana mw'ibarabara. Umuyobozi mwishikira mu bushikiranganji bw'indero, Venant Nyobewe, avuga ko bari mu biganiro n'abigisha, kugira batorere inyishu ivyo basaba.

Abigisha basaba ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yemejwe mu mwaka wi 2002, hagati ya reta y'uwari umukuru w'igihugu ico gihe, Domitien Ndayizeye, n'abaserukira abigisha. Ayo masezerano yategekanya ko abigisha baronswa ibibanza vyo kwubakamwo, ko hashingwa ikigega gifasha abigisha kwubaka amazu, n'amategeko mashasha abagenga akabaha akarusho. Ikindi basaba, n’ukuronswa vya bice 34% vyemerwa n'umukuru w'igihugu, vyiyongera ku gashahara cane cane ngo bakumvikana aho ivyo bice bishigwa n’ukuvuga ingene biharugwa.

Igihe yegereyegere y'abigisha bo mu mashure yisumbuye yatangura ku wa mbere, igenekerezo ry’umunani, iyindi sendika y'abigisha STEB ihurikiyemwo cane cane abigisha bo mu mashure mato mato, yaragabishije ko nayo nyene ishobora guhagarika akazi kw'igenekerezo rya 16/10/07. Sendika y'abakozi Atari abacamanza bo mu bushikiranganji bw'ubutungane nayo yavuze ko izohagarika akazi kw'igenekerezo rya 15/10/07. Sendika y'abaforoma nayo nyene iridoga, ariko ntiravuga neza ico itegekanya gukora.

Abigisha bari mu bakozi bavuga ko agashahara kabo gateye isoni. Umwigisha asohotse kaminuza atangurira ku mafaranga adashika idorari mirongo itandatu.

XS
SM
MD
LG