Uko wahagera

Mu Burundi, Abashingamateka Babiri Barasubijwe mu Mabanga Yabo


Ibiro vy'inama nshingamateka y’Uburundi biherutse gufata ingingo yo gusubiza mu mabanga abashingamateka babiri, Mathias Basabose, na Leonard Nyangoma. Ivyo bikaba bibaye inyuma y'ikiringo cababa umwaka cari giheze abo bashingamateka bahagaritswe mu mabanga bajejwe.

Abo bashingamateka bari bahagaritswe bagirizwa ko batitavye inama mu kiringo kingana n’icagatatu c'imisi y'ibikorwa, kandi ata nsinguro batanze, nk'uko vyasiguwe n'ibiro vy'inama nshingamateka y'ico gihe, bikongera bikemezwa na Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.

Abashingamateka Leonard Nyangoma na Mathias Basabose bahunze igihugu bavuga ko umutekano wabo wari ubangamiwe. Bavuga ko vyose vyatewe n’uwahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD, Hussein Radjabu batacana uwaka, kandi bakamwagiriza ko avuze ata wamuvuguruza.

Mu gusubiza abo bashingamateka mu mabanga yabo, inama nshingamateka yisigura ivuga ko yasanze ibisibo vyabo bifise insiguro. Icegera ca kabiri c'umukuru w'inama nshingamateka, Didace Kiganahe, avuga ko bafashe iyo ngingo babanje gusoma ibwirizwa shingiro n'ayandi mategeko agenga urwego rw'inama nshingamateka.

Ariko rero iyo ngingo yafashwe mu gihe Perezida Petero Nkurunziza yari aherutse kuvugira kuri tereviziyo y'igihugu ko yiyemeje kuganira n'abo bose batavuga rumwe. Iyo ngingo yafashwe kandi mu gihe hitezwe reta nshasha ihurikiyemwo abo bose barekuriwe n'amategeko.

Abo bashingamateka basubijwe mu mabanga yabo barashimiye ishirahamwe mpuzamakungu ry'abashingamateka, abamenyeshamakuru, amashirahamwe yigenga, hamwe na bagenzi babo bakoze uko bashoboye kwose kugira ngo ukuri kumenyekane. Bavuga ko bashimishijwe n'iyo ngingo, kandi ko bagiye gufasha kugira ngo amategeko ashira imbere ineza y'abanyagihugu abe ariyo yemezwa.

XS
SM
MD
LG