Uko wahagera

Ishure ya Kaminuza ya Gisirikare(ISCAM) Yakira Abanyeshule Bafise Amanuta Make Ikareka Abamenshi


Ikibazo co kwinjiza abanyeshure bo muri Kaminuza ya gisirikare cari kimaze hafi ukwezi carabaye kananirabagabo ariko kur'uwu wa kabiri niho Ibiro bikuru vya gisirikare vyamenyesha ko abemerewe bose hamwe ni mirongo itatu ariko abanyeshure batemerewe bava mu Ntara ya Bururi bavuga ko bakumiwe kubera Intara.

Ikibazo kimaze gutangwa Ibiro bikuru vya gisirikare vyemeje ko hamenye abanyeshure mirongo ine n'indwi. Mu nyuma cumi n'indwi barakuwe mwo bivuye ku gitigiri gikenewe ariko nk'uko abanyeshure bakuwemwo babivuga kandi bikemezwa n'abarongoye igisoda muri cumi n'indwi cumi na batatu bava mu ntara ya Bururi kandi bafise
amanota asumba aya bamwe bamwe bari mu mirongo itatu bafashwe ngo binjire muri ISCAM.

Kur'ico kibazo, umushikiranganji wo kwivuna abansi Germain Niyoyankana yavuze kuri tereviziyo y'Uburundi ko abo banyeshure b 'i Bururi bakumiriwe n'ibwirizwa nshingiro mu ngingo y'amajajana abiri na mirongo itanu na gatanu. Iyo ngingo ivuga kw'igisoda gishingwa hisunzwe ukungana kw'ubwoko,igitsina n'intara.Abanyeshure batakiriwe kandi bafise amanota menshi bavuga ko barenganijwe kubera ngo bakoresheje
ikibazo amanota niyo akora.

Mu ntango y'ikibazo, uwujejwe ivyirwa mu gisirikare n'umuvugizi wa gisirikare barivugiye ku maradiyo ko ato kindi kintu na kimwe kizorabwa atari amanota. Pierre Claver Mbonimpa arangoye ishirahamwe APRODEH ry'agateka ka zina muntu aragiriza igisoda ko civuguruje kandi akavuga ko ivyo bintu ari akarenganyo
gashobora gutuma Uburundi busubira mu ntambara.

Umushingamateka Israel Ndikumasabo yatowe mu ntara ya Bururi avuga ko mw'ibwirizwa nshingiro mu ngingo ya mirongo ibiri na kabiri vyanditse neza ko ata muntu numwe yokumirwa ku bintu bidafashe ku neza y'ubumwe bw'Abarundi.Iyo ngingo ngo itegekanya kandi ko uwo bishikiye ategerezwa guhabwa indishi y'akababaro.

Mu myaka yahera kuva Uburundi bwikukira ibiharuro n'aho bitashirwa ahabona,vyaravugwa cane ko abasoda benshi bava mu ntara ya Bururi cane cane abatwara igisoda hejuru, abo mu zindi ntara bavuga ko mukwinjiza mu gisada hakorwa aka mwana wa mama.

Ibiharuro birerekana ko benshi mu banyeshure bitaba ibibazo vyo kwinjira mu gisoda ari abava mu ntara ya Bururi kuko no muri mirongo itatu bakiriwe muri ISCAM, Kaminuza ya gisirikare, umunani bava i Bururi. Kuri bane igisoda giherutse kurungika mu gihugu c'Ububirigi muri "Ecole Royale des Cadets" babiri bava
mu ntara ya Bururi.

XS
SM
MD
LG