Uko wahagera

Abashikiranganji Babiri Bahoze muri Reta Bagirizwa Amafranga Arenga Imiriyaridi y'Amarundi


Ubugenduzi bukuru bwa Reta y'Uburundi bwashize ahabona raporo yagiriza
abashikiranganji babiri bahoze batwara uikigega ca Reta ko barishe amafaranga arenga imiriyaridi y'amarundi ishirahamwe Interpetrol bidaciye mu
mategeko.

Iyo raporo iri ku mpapuro umunani idoma urutoke Athanase Gahungu yahoze ari umushikiranganji w'ikigega ca reta ku ntwaro mfakibanza, imbere y'amatora na
Denise Sinakwa yasubiriye uwundi mushikiranganji Dieu Donne Ngowembona yakuwe mu mabanga n'umukuru w'igihugu yagirizwa kugurisha indege y'umukuru w'igihugu mu makosa urupauro rwo kumukura rwavuga ko harimwo ubusuma bujanye n'ibiturire.

Muri raporo Athanase Gahungu akurikirwa ku miriyaridi zirenga indwi n'imiriyoni amajana atandatu yarishswe Iterpetrol mu mwaka w'i 2004. Denise Sinankwa nawe
yagirizwa imiriyaridi zirenga umunani n'imiriyoni amajana indwi z'amarundi.Interpetrol ngo yagiye irariwa kabiri kabiri, ata na kimwe kibisigura nk'uko abagenduzi bavyandika. Mu nzandiko Interpetrol yagiye iratanga ngo biribonekeza ko harimwo ububeshi n'ubusuma. Ubwambere ngo yasavye imiriyaridi zine irariwa munyuma isaba cumi na zine n'imiriyoni zirenga amajana indwi nahonye irarihwa. Ico gihe cose abashikiranganji bakurikiranwa ngo barakumiye abandi bakozi mur'iyo dosiye.Umukuru w'Ibanki nkuru ya Repuburika Isaac Bizimana nawenyene aravugwa ko yagize uruhara mu kuriha amafaranga ataravye neza ico atangiwe.

Raporo isaba ko abavugwa bose borengutwsa amafaranga ya reta akagaruka mu kigega. Abashikiranganji babiri Denise Sinanankwa na Athanase Gahungu bari inhuma y'igihugu. Uwuburanira Denise asaba kwemeregwa ko Denise atoshika afatwa kugira aze kwisigura.

Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya ibiturire rivuga ko amafaranga amaze kugenda mu biturire n'ukwiba reta aharugwa mu miriyaridi ijana na mirongo
icenda y'amarundi. Ku rutonde rutangwa na Transparency, ishirahamwe rigwanya ibiturire kw'isi, Uburundi bugira ubwa mirongo itatu na kabiri.

Ishirahamwe Interptrol ridandaza igitoro, Kuva mu 1993 gushika mu 1997 aho ibihugu bibanyi vy'Uburundi vyari vyugaye imihora ku Burundi kubera invo za poritike,
Interpetrol niyo yonye yinjiza igitoro, kenshi mbere yagitanga kw'ideni.

XS
SM
MD
LG