Uko wahagera

Umuhari Palipehutu FNL Ubandanya Kwinjiza Abagwanyi


Mu ma komine atatu yo mu ntara ya Ngozi, m’uburaruko bw'Uburundi, abatwara abandi bavuga k'umuhari wa Rwasa Agathon ubandanya kurondera abagwanyi, n'aho wemeza ko wahagaritse intambara.

Mur'ayo ma komine ya Tanga, Kiremba na Ruhororo abanyeshure ngo barahevye amashure, birukira kwinjira mu muhari wa Palipehutu FNL. Muri komine Tangara hoho ngo hariho ishure iri mu kwugara, kubera kubura abanyeshure. Uretse abanyeshure, haravugwa n'abigisha binjira mu muhari Palipehutu FNL.

Abaja mur’uwo muhari bemererwa amapete yo hejuru mu gisoda, abandi bakemererwa gushirwa k'urutonde rw'abazosubizwa mu buzima busanzwe, bagaca batekererwa amafaranga aharurwa mu bihumbi amajana atandatu asanzwe ahabwa abakuwe mu mirwi yahora igwana badashoboye kwinjira mu gisoda.

Mu ntara ya Muyinga naho haravugwa imisore igenda, ariko ntawuramenya neza ababatwara. Ikizwi ngo n'uko baja mu kibira. Imbere y'uko izo nkuru zivugwa, buramatari Victor Burikukiye yabanje kwagiriza abashingamateka atadomyeko urutoki, ko bariko bigisha ibitarivyo abanyagihugu, mu kubabwira kugarariza ubutegetse. Imiduga imwe imwe y'abo bashingamateka ngo yakoreshwa mu gutwara abo basore mu bibanza bitaramenyekana neza. Umushingamateka Yassin Radjabu asanzwe avukana na Hussein Radjabu yarabeshuje ivyo buramatari yavuga, n'aho ata numwe yari yamuvuze.

Umuhari Palipehutu FNL warahagaritse intambara, ariko gushika ubu abagwanyi nti baraja ahabona, kuko gushira mungiro amasezerano vyahagaze. Abategetsi babandanya bagiriza Rwasa Agathon ko abandanya arondera abagwanyi. Bavuga ko Rwasa ariko arondera abashika ibihumbi mirongo ibiri.

XS
SM
MD
LG