Uko wahagera

Impungene z'Abikorera Ku Giti Cabo b'Abarundi Ku Vyerekeye Ishirahamwe Ry'ibihugu Vyo muri Afrika Yo Mu Buseruko


Inyuma yuko Uburundi bwemerewe kwinjira mw’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko, abikorera ku giti cabo mu Burundi barashikirije amakenga ku kugene amahinguriro yabo atarakomera azogira ingorane z’uguhiganwa muri ako karere. Mu kiganiro twagiraniye na Cyrille Sigejeje, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abadandaza n’abikorera ku giti cabo mu Burundi yavuze ko kubera Uburundi butegereye ibahari, ngo bituma ibintu bikoreshwa mu mahinguriro bigurigwa hanze bizimba cane, mu vyatumye amahinguriro mu Burundi adakura cane, cane cane mu gihugu abantu badafise amafranga menshi ku buryo uwushinze ihinguriro atamenya nimba azoronka abantu benshi bamugurira ibidandazwa.

Sigejeje avuga rero ko Uburundi bwagumye buri inyuma. Avuga kandi ko kubera ingwano yamaze igihe kirekire ngo usanga Uburundi bwateye buja inyuma kurushiriza, kubera amahinguriro ataronse akanya k’ukugwiza amafranga agura ivyuma bishasha, agatuma n’abakozi bakwirikira ubuhinga bwa none bugezweko. Ngw’ivyo vyatumye rero bene amahinguriro babona ko bagiye mw’isoko rimwe n’abantu bari imbere yabo cane bashobora kugira ingorane . Ngo ivyo abarundi bakoze bishobora kuba bibi canke ugasanga bizimvye, mu gihe ibije biva hanze biba bizimbutse kandi ari vyiza. Muri ico gihe ngo abantu nivyo baca bagura.

Sigejeje avuga rero ko izo mpungene za bene amahinguriro mu Burundi zimvikana cane. Ngo yamara aha ko ibidandazwa bivuye hanze vyokwinjira mu mpisho umuntu yopfuma areka bikinjirira ahabona. Ku bwiwe, ngo hotegerezwa gufatwa imigambi atari iy’ugukingira ayo mahinguriro ngo yamara imigambi y’ugutanga uburyo bukwiye buciye mu mategeko kugira ayo mahinguriro nayo yisununure, ashobore guhiganwa n’ayo mahinguriro yandi, mu guhingura ibidandazwa vyiza, bishobora guhayanishwa kandi bigugwa amafranga make.

XS
SM
MD
LG