Uko wahagera

Imfashanyo y'Ibanki y'Isi Yose mu vyo Gutumatumanako Amakuru mu Burundi


Mu mpera z'ukwezi kwa gatatu, urwego rw'ibanki y'isi yose rwaremeje imfashanyo y'imiriyoni zababa ijana na mirongo itandatu na zitanu z'amadorari izohabwa ibihugu vya Kenya, Uburundi na Madagascar. Iyo mfashanyo igenewe guteza imbere imigambi yo gutumatumanako amakuru mur'ivyo bihugu. Mur'iyo mfashanyo Uburundi buzoronka imiriyoni zirenga mirongo ibiri z'amadorari.

Ayo mafaranga atanzwe n'Ibanki 'isi yose, azokoreshwa mu kwubaka inyubakwa zizokoreshwa mu gutumatumanako amakuru no kugura ibindi bikoresho bikenerwa mur'ico gisata. Ibanki y'isi yose ivuga kw'intumbero ar’uguteza imbere ivyo bihugu bironse iyo mfashanyo ya mbere, izobandanya itangwa gushika ku bihugu mirongo ibiri na bitanu vyo muri Afrika yo m’ubuseruko no m’ubumanuko.

Ibanki y'isi yose isigura kw'ibihugu vyo mur'ako karere biguma mu bukene, kubera ukutavugana n'ibindi bihugu vyo mu tundi turere two kw'isi. Iterambere ngo nti rishoboka iyo ata nkuru zihanahanwa. Uburyo bukoreshwa mur'ivyo bihugu ngo burazimvye kandi buri inyuma cane, mu gihe ngo n'abanyagihugu bakenye gose.

Uretse ko ivyerekeye ibidandazwa bitagenda neza, n’ivyerekeye intwaro ngo biragorana cane, amakuru canke amaraporo ntashikire abo agenewe mu gihe gishimishije, iyo adatakariye mu nzira.

Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru mu Burundi avuga kw'iyo mfashanyo izofasha mu bushikiranganji, mu bindi bisata vya reta, no mu mashure kaminuza, aba aya reta canke yigenga.

XS
SM
MD
LG