Uko wahagera

Umurwi wo Gushira mu Ngiro Amasezerano Hagati ya Reta y'Uburundi na Palipehutu Fnl Waratanguye.


Ibikorwa vy'umurwi ujejwe gushira mu ngiro amasezerano yemejwe na reta y'Uburundi n'umuhari Palipehutu Fnl vyaratevye biratangura kur'uwu wa mbere. Ayo masezerano yaramaze amezi atanu yemejwe ariko ntivyoroshe kuyashira mu ngiro.

Mw'ijambo ryiwe Charles Ngouakula, umuhuza mu biganiro bihuza reta y'Uburundi n'umuhari Palipehutu Fnl, yashimiye bimwe bivuye ku mutima abakuru b'ibihugu Jakaya Kikwete wa Tanzaniya, Museveni wa Ouganda na Thabo Mbeki wa Afrika y'Epfo mu gikorwa cabo avuga ko cari gihambaye cae kugira Amasezerano aboneke. Ico gikorwa ngo nticoroshe ariko kubera umwete mwinshi, ubwitonzi, ubukerebutsi n'ukwihangana vyarashitse ku ntambwe ishimishije kandi ihumuriza Abarundi.

Ku bashize umukono ku masezerano, reta y'Uburundi n'umuhari Palipehutu Fnl, umuhuza Charles Ngouakula, yibutsa kw'Abarundi bakeneye ubwigenge, ubutungane,
amahoro, umutekano n'iterambere birama. Yarashimiye impande zose ko zatahuye kw'inzira y'intambara ata nyishu izana.

Umushikiranganji w'umutekano, Evariste Ndayishimiye, yatanguje n'icizere cinshi ibikorwa vy'umurwI ujejwe gushira mu ngiro amasezerano yemejwe na reta
y'Uburundi n'umuhari Palipehutu Fnl. Ku ruhande rw'intumwa za Palipehutu Fnl umwanya watakaye ngo urakwiye. Igisigaye ni uko amasezerano yoshirwa mu ngiro, ibikorwa bigasumba amajambo nk'uko Jean Berchimas Ndayishimiye arongoye izo ntumwa abivuga.

Uwuserukira umunyamabanga mukuru wa ONU n'uwuserukira ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika i Bujumbura baritavye ivyo bikorwa; bose biyemeje kubandanya bafasha Uburundi mu gushigikira amahoro n'iterambere rirama mu Burundi.

XS
SM
MD
LG