Uko wahagera

Umushikiranganji Dieudonne Ngowembona Yahunze igihugu.


Inyuma y'aho akuriwe mu mabanga yagirizwa amakosa umukuru w'igihugu yise kw'akomeye cane, mw'igurishwa ry'indege y'umukuru w'iguhu "Falcon 50", Dieudonne Ngowembona yarataye umutwe, aca amera nk'uwayinze. Abo baganiriye bavuga ko yarasigaye ameze nk'umuntu yakehaniwe ubwenge.

Muri kino gihe ntawuzi irengero ryiwe ariko ikizwi n'uko yataye akomoka.Terefone yiwe imaze imisi yitaba ariko ntihagire uwishura. Ku kibuga c'indege ca Bujumbura baramwankiye kurengana, aca yiha inzira zitazwi. Ubu bivugwa kw'ahobora kuba ageze i Kinshasa agana mu Bubirigi, iyo yari yaje ava, ariko naho nyene ngw'arahafitaniye urubanza n'umugore bubakanye ubwa mbere.

Reta y'i Bujumbura ngw'iramaze gutangiriza kugira ntihagire aho aja atavuze neza ingene vyagenze n'abo bari kumwe.

Mu vyamwirukanye haravugwa n'iterabwoba yagirirwa n'abantu barungitswe na Husseni Radjabu, umukuru w'umugambwe CCDD-FDD avugwa kw'ari we yatwaye amafaranga menshi kugira indege Falcon ihabwe uwatanze amafaranga make. Iyo ndege yahawe umuntu yatanze imiriyaridi zitatu hariho uwari yatanze zitanu.

Mukugurisha iyo ndege bayagiriza kw'igwaye ariko abahinga bavuga ko yakora, igiciro cayo nyakuri ngo cararenga imiriyaridi umunani.

XS
SM
MD
LG