Uko wahagera

Umukuru w'Umugambwe CNDD-FDD Yavuye mu Buhungiro.


Hussein Radjabu umukuru w'umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi yasohotse ibiro vy'uwuserukira Afrika y'Epfo i Bujumbura.

Umukuru wa CNDD-FDD yarayeyo ijoro rimwe inyuma h'aho abarongoye igiporisi bamuhinduriye abamucungerera ubuzima. Hussein Radjabu yavuga kw'afise impungenge kubera ko atagishijwe inama. Uwurongoye igiporisi, Alain Guillaume Bunyoni, we avuga kw'atabiganiro bitegerezwa kuba mu guhindura canke gutanga abacungerera ubuzima bw'abantu bakomeye.

Inkuru zinyuranye zivuga ko mu bacungreye ubuzima bwa Hussein Radjabu harimwo imisore itazwi n'igiporisi.

Izo ngorane zose zishitse umukuru w'umugambwe CNDD-FDD afise ingorane zikomeye z'abashaka kumukura mu kibanza co kurongora umugambwe. Izo ngorane zatumye "Abagumyabanga" bicamwo imigwi. Abashigikiye Hussein
Radjabu babandanya baba bake, n'abipfuza ko yokurwa basa n'uko bashigikiwe n'umukuru w'igihugu. Abo na bo
biboneka kw'ari benshi.

Ikoraniro ridasanzwe ririko rirategurwa ni ryo rizotomora ibintu, ariko mu gihe ririko ritegurwa hariho ubwoba, ukwankana n'ukwinubana bikomeye.

XS
SM
MD
LG