Uko wahagera

Igiporisi c'i Bujumbura Caviriye Hasi Abanyamahanga n'Abantu Baba mu Gisagara Ata Mpapuro.


Ku musi w'Imana, igenekerezo rya cumi Kigarama abantu cumi na batanu bagirizwa ko badafise ibibaranga barafashwe n'igiporisi co mu Burundi muri komine ya Buyenzi mu gisagara ca Bujumbura.

Umuvugizi w'igiporisi, colonel Pierre Claver Gahungu, asigura kw'ivyakozwe biri mu gikorwa ca misi yose kandi ngo kizobandanya. Ico gikorwa ngo kigiye gukomezwa kuko ng'ubusuma n'ubwicanyi bibandanya vyiyongera uko abanyamahanga n'abantu bagenda badafise ibibaranga biyongera.

Mu misi iheze umushikiranganji w'intwaro yo hagati n'umutekano, General de Brigade Evariste Ndayishimiye, yemeje na we nyene k'ubusuma n'ubwicanyi kenshi bukorwa n'abanyamahanga batazwi neza aho baba. Yagabishije abo bose badafise impapuro ko bagiye kwirukanwa.

Mu Burundi abanyamahanga benshi ni Abanyarwanda n'Abakongomani, ariko mu gihugu cose igitigiri c'abanyamahanga ntikizwi neza. Igikorwa co gusaba impapuro ngo kigiye gukomera.

Kuronka uruhusha rwo kuba mu Burundi, umunyamahanga wese ategerezwa kuriha idorari ibihumbi ijana na mirongo itanu ku mwaka. Ayo mahera beshi bavuga kw'ari menshi, badashobora kuyaronka.

XS
SM
MD
LG