Uko wahagera

Muhammed Yunus Yakiye Agashimwe Kitiriwe Nobel i Oslo Muri Norvege


Muhammed Yunus yanonosoye ivyerekeye ubutunzi yarakiye agashimwe kitiriwe Nobel mu gisagara ca Oslo, muri Norvege, kubera yafashije abantu imilioni n'imilioni kuva mu bukene hakoreshejwe ingurane ntonto.

Mw'ijambo yashikirije yaravuze ku ntambwe ibanki yashizeho, "Grameen",igenewe gutana izo ngurane yashitseko. Yunus avuga ko umugambi wiwe uriko utuma haboneka abantu bashasha bazoshobora gukura imiryango yabo mu bukene.

Yunus yaragabishije m’ukuvuga ko ubukene butuma haba ishavu n'inzigo, ko mu gihe cose hazoba hari ubukene kw'isi, bizogorana ko haboneka amahoro.

Tubibutse ko iciyumviro ca Muhammed Yunus c'uguha ingurane ntonto abantu batishoboye ari uko abantu bakenye yamara bafise umwete mu bihugu biri mu nzira y'amajambere bashobora kwiteza imbere mu gihe baronse akaryo k'ugutangura imirimo y'ubudandaji.

Abanenagura uwo mugambi bavuga ko umugambi nkuwo ugerageza gutorera inyishu inkurikizi z'ubukene ah'ugutorera inyishu impamvu nyakuri zituma ubwo bukene buhaba.

Ibindi bisobanuro kuri iyi nkuru mubishakire haruguru.

XS
SM
MD
LG