Uko wahagera

Umuyobozi wa Radiyo Bonesha Yahunze Ubutungane bw'i Bujumbura.


Ubutungane bumaze imisi bukurikirana abamenyeshamakuru mu Burundi bwatumye
umukuru w'i radiyo yigenga Bonesha ata akomoka.

Corneille Nibaruta yaramaze imisi agendana umutahe umuhamagaza imbere y'ubutungane ku nkuru yashikirijjwe kw'i radiyo ajejwe.

Iyo nkuru yavuga ko hariho akagwi k'abaporisi kariko kitegurira gutera ku kirimba c'umukuru w'i gihugu no ku nyubakwa y'umukuru w'umugambe CNDD-FDD mu ntumbero yukwerekana kw'abagirizwa gutembagaza inzego babiteguye.

Iyo nkuru yavuzwe ku ma radiyo atatu, Isanganiro, RPA, na Bonesha.Yarimaze gushikana mu munyororo umukuru wa radiyo Isanganiro. Umukuru wa radiyo RPA na we akaba yarataye agahunga igiporisi n'ubutungane.

Umukuru wa radiyo Bonesha na we nyene ntawuzi irengero ryiwe, ariko inkuru zinyuranye zivuga ko yoba yaramaze kujabuka imbibe z'uburundi.

Akironka umutahe Corneille Nibaruta yavuga ko bimuhagaritse umutima mbere akemeza kw'inkuru zimushikira zivuga ko wewe yotwahwe mw'i bohero ryo mu Rumonge, aho bita ku Murembwe, aho naho hakaba hazwi ku bubi bwaho; imibu myinshi n'igikonyozi kizura inzara.

Mu Burundi abamenyeshamakuru babiri, Domitille Kiramvu na Serge Nibizi bamaze imisi cumi n'itandatu bapfungiwe mu Mpimba mu gihe Mathias Manirakiza, umuyobozi wa radiyo Isanganiro bari kumwe, amaze imisi umunani.

Ubushikiranganji bw'utungane buvuga kw'abamenyeshamakuru batari hejuru y'ubutungane, kandi k'uzokwagirwa n'ikosa azokubitwa intahe mu gahanga.

Umukuru w'ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru mu Burundi na we avuga kw'atawoba, acizera cane ubwo butungane, na cane cane ku kibazo c'abamenyeshamakuru, kuko ngo bitwariwe n'ubutegetsi, na bwo akaba ari bwo bugena abacamanza.

XS
SM
MD
LG