Uko wahagera

Amashirahamwe 21 Yigenga Asaba Leta Kurekuza Gabriel Rufyiri, umukuru wa OLUCOME


Ayo mashirahamwe ategamiye leta yandika mu majambo atomoye kw'ahagaritswe umutima n'ibiriko bikorerwa abaharanira agateka ka zinamuntu mu Burundi.

Ku rubanza rwerekeye Gabriel Rufyiri umukuru wa OLUCOME, ishirahamwe ryishinze kugwanya ibiturire n'abanyonora amatungo ya leta ngo ni ibintu bibabaje cane, kandi ngo biribonekeza kw'amategeko yahonyanzwe, uwaharanira ineza y'abanyagihugu n'iya leta akaba ari we atabwa mu mvuto. Ivyo ngo ni ibintu bitumvikana.

Ayo mashirahamwe yibutsa ka kuva OLUCOME itangura gukora yagwanije ibiturire n'abanyonora amatungo ya leta, ico gikorwa naco kikaba carafashije kugarukana amafaranga menshi mu kigega ca leta.

Abashize umukono kw'ikete ryarungikiwe umukuru w'igihugu, Petero Nkurunziza, bavuga ko leta isa n'uko ikingira ikibaba abiba amatungo y'igihugu, itotezwa na ryo n'iterabwoba bikagirirwa abaharanira agateka ka zinamuntu n'ineza ya bose.

Ayo mashirahamwe asaba ko Gabriel Rufyiri, umukuru wa OLUCOME yorekurwa mu maguru masha kandi atakirinzwe gusabwa.

Gabriel Rufyiri amaze amezi atatu afungiwe mw'ibohero rikuru ry'i Bujumbura, yagirizwa ko yakoze raporo itariyo kw'isoko ry'ibiharage mu gipolisi c'Uburundi. Umukuru wa OLUCOME yavuga ko habayemwo ibiturire n'ubusuma.

XS
SM
MD
LG