Uko wahagera

Abasore Baja I Buraya Bidaciye mu Mategeko


Abategetsi bo mu bihugu vya Buraya na Afrika baherutse kwihweza ibintu vyotuma ikibazo c’abantu bava muri Afrika baja kuba mu bihugu vya Buraya bidaciye mu mategeko gituzwa.

Yamara abakenyezi b’Abanyafrika bapfushije abahungu babo bariko bajabuka ibahari baja mu bihugu vya Buraya barabandanya gufasha no gushigikira abandi bantu bo mu kibano cabo nabo nyene babuze. Bamwe mur’ abo bavyeyi bagumana akizero ko abahungu babo bazogerageza kujabuka bakaja i Buraya kurondera ubuzima bwiza kurushiriza.

Umukenyezi Yayi Bayam Diouf yabuze umuhungu wiwe yari yafashe ubwato agiye i Buraya, yarashizeho imigwi y’abantu bacungera ibiba ku nkengera z’ibahari mu gisagara ca Thiaroye, muri Senegal, kugira baze baramenyesha ikintu cose babonye kirimwo amahinyu.

Umupfasoni Diouf yabwiye Ijwi rya Amerika ko yashizeho iyo migwi mu twigoro two guhagarika ubwo bwato butoyi butwara abana babo bidaciye mu mategeko, bukabatwara no mu buryo bubi bugeramira ubuzima bwabo.

Yayi Bayam Diouf asaba abasore ko aho kwifuza kujabuka ngo baje i Buraya bidaciye mu mategeko, ko boguma mu bihugu vyabo bakarondera ico bakora, bagafasha imiryango yabo.

XS
SM
MD
LG