Uko wahagera

Abamenyeshamakuru 2 ba Radiyo RPA mw'Ibohero ryo mu Mpimba i Bujumbura.


Abamenyeshamakuru babiri, umukenyezi n'umusore bakorera radiyo RPA, barapfungiwe mw'ibohero rikuru ry'i Bujumbura kuva k'uruyu wa
gatatu 23 Munyonyo 2006.

Domitila Kiramvu na Serges Nibizi bagirizwa kuba baratanze inkuru zikiri mw'itohozwa kandi zishobora gutuma umutekano uhungabana. Izo nkuru zerekeye urubanza rw'abagirizwa ko bashatse gutembagaza inzego aho abo bameneshamakuru bavuga ko leta ibandanya ipfundikanya ivyemezo vy'uko umugambi wo gutembagaza inzengo wateguwe.

Abacamanza bavuga kw'icaha cagirizwa abo bamenyeshamakuru gihanwa n'umunyororo uva ku mezi atandatu gushika ku myaka itanu n'ihadabu iva ku bihumbi ijana gushika ku bihumbi amajana atatu.

Mur'iryo bohero batwawemwo, abanyororo bagwana n'imbeba n'ibihere ijoro n'umutaga.

XS
SM
MD
LG