Uko wahagera

Abamenyeshamakuru 3 ba Radio RPA Bategerezwa Kwitaba Sentare Nkuru y’Uburundi.


Sentare nkuru y’igihugu yo mu Burundi yatumyeko kur’uwu wa kabiri abamenyeshamakuru batatu ba RPA, Radio y’abanyagihugu.

Serges Nibizi, Domitile Kiramvu na Palice Ndimurukundo bategerezwa kwitaba igihe c’isaha umunani z’umutaga, ariko baca baronswa imitahe igihe c’isaha cumi n’imwe zo ku muhingamo.

Abo bamenyeshamakuru basabwa kwisigura ku nkuru yavuga kw’akagwi k’abapolis kariko kitegurira gutera ku kirimba kwa Perezida no ku nyubakwa y’umushingamateka Hussein Radjabu, gutyo abategetsi baronke ivyemezo vy’uko umugambi wo gutembagaza inzego wateguwe. Iyo nkuru yari yashikirijwe ku ma radiyo atatu: radio Isanganiro, radio Bonesha na radio RPA.

Mu butungane bavuga kw’iyo nkuru n’aho yoba yariyo itategerezwa kuvugwa kuko ngo yotuma umutekano uhungabana. Inkuru zitwa uko nazo zibuzwa mu ngingo ya cumi yo mw’itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru. Ibihano bitegekanijwe mu ngingo ya mirongo itanu bivuga umunyororo uri hagati y’amezi atandatu n’imyaka itanu, n’ihadabu iri hagati y’ibihumbi ijana n’amajana atatu.

XS
SM
MD
LG