Uko wahagera

Burundi - Amnesty International Irasaba Irekurwa ry’umukuru wa OLUCOME


Amnesty International, ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu kw’isi riranebagura ihagarikwa n’ipfungwa rya Gabriel Rufyiri, umukuru w’ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagugwa ry’amatungo ya Leta mu Burundi, OLUCOME.

Mu rwandiko Amnesty International isohora dusoma kw’ihagarikwa n’ipfungwa rya Gabriel Rufyiri bitakurikije amategeko. Amnesty International ivuga ko vyibonekeza k’umukuru wa OLUCOME, Gabriel Rufyiri, apfunzwe kubera ivyiyumviro vyiwe n’gikorwa yishinze co kudoma urutoke ku banyonora amatungo ya Leta kenshi usanga bari muri Leta. Ivyo ngo biri mu rukurikirane rw’umugambi wa Leta wo gushaka guhoza canke kwigiza kure abo batavuga rumwe.

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya ibiturire n’abanyonora amatungo ya Leta mu Burundi, Gabriel Rufyiri, amaze amezi atatu n’iminsi indwi apfungiwe mw’ibohero ryo mu mpimba. Yari yitwariwe n’uwitwa Ndayizamba Hilaire kuri Raporo ya OLUCOME yavuga ko uwo Ndayizamba yahawe isoko y’ibiharage bidaciye mu mategeko, atanze ibuturire.

Amashirahamwe menshi aharanira agateka ka zinamuntu avuga ko apfungiwe ubusa. Amnesty International isaba ko Gabriel Rufyiri yorekugwa atakirinzwe kusabwa.

Raporo ya Transparency International, ishirahamwe ryishinze kugwanya ibiturire kw’isi, rivuga ko Uburundi buri mu bihugu vya mbere kw’isi bibangamiwe n’ibiturire. Uburundi buheruritse guhabwa n’iryo shirahamwe amanota 2 kw’icumi mu kurwanya ibiturire.


XS
SM
MD
LG