Uko wahagera

Mu Burundi Petero Buyoya ngo Ari mu Bantu 30 Boba Bashaka Gutembagaza Ubutegetsi.


Bubaye ubugira kabiri mu ndwi imwe gusa, havurwa gutembagaza ubutegetsi i Burundi. Ruth Magarano, umukenyezi wa Alphonse Marie Kadege, akaba ari we yatangaje y’uko bamwe mu bategetsi barongoye ibiro bikuru b’iperereza bamumenyesheje ko hubutse urundi rutonde rw’abantu 30 bashaka guhirika ubutegetsi.

“Bavuga Petero Buyoya, Horumpende Raphael, Diomède Rutamucero, Jean Baptiste Manwangari, Colonel Simbanduku n’abandi. »

Uko ni ko Ruth Magerano asigura ingene Jean Marie Ngandanganya, umuyobozi mwishikira mu biro bikuru vy’iperereza yamusiguriye aho yariko asambisha Alphone Marie Kadege.

Diomède Rutamucero avurwa muri iryo tembagazwa ry’intwaro, asigura ati:

"Nta kintu na kimwe cotuma nja hamwe na Petero Buyoya yantaye muri yompi icuro 20 zose ». Akongera ati: “Ivyo vyose ni ibinyoma ataho bifatiye.”

Gushika ubu nta mutegetsi ari muri leta aremanga yuko hari urutonde rugira kabiri rw’abantu 30 baronderwa kubera bashaka gutembagaza intwaro.

Mugabo, Karenga Ramadani, umushikiranganji avugira leta, yaratangaje kuri radiyo y’Abongereza, BBC, y’uko afise amajwi y’abantu 15 bashatse gutembagaza ubutegetsi. Muri abo harimwo Alphonse Marie Kadege, yahoze ari icegera ca prezida Ndayizeye.

Iperereza rimenyesha kandi yuko izo ntonde z’abantu 15 na 30, imwe yavuye mu gisoda, iya kabiri iva mu gipolisi. Ariko Lieutenant Colonel Adolphe Manirakiza, umuvugizi w’igisirikare, akaba yarabeshuje iyo nkuru, ati:

« Nta matohoza igisoda kigira; nta rutonde na rumwe rwavuye mu gisoda.»

Umufasonsi w'Alphonse Mariya Kadege amenyesha ko amakungu akwiye gutabara
Uburundi amazi atararenga inkombe.


XS
SM
MD
LG