Uko wahagera

Abanyapolitique 5, Harimwo n’Alphonse Marie Kadege, Batawe Muri Yompi.


Igipolisi kijejwe iperereza cataye muri yompi Alphonse Marie Kadege yahoze ari icegera c’umukuru w’Uburundi kuntwaro ya leta mfatakibanza.

Abandi bahagaritswe, ni Dr. Alain Mugabarabona, umukuru w’umugambwe Icanzo, na Déo Niyonzima ari mu mugambwe PRP. Uko ari batatu bamaze gushika mu biro bijejwe iperereza.

Pancrace Cimpaye, umuvugizi w’umugambwe Frodebu, co kimwe na Isaie Simbare yahoze ajejwe protocole ya perezida Ndayizeye, bazindutse bugarijwe n’igipolisi.

Abo banyapolitique uko ari batanu bagirizwa n’igipolisi y’uko bashaka guhungabanya inzego z’ubutegetsi. Ariko ababona ibintu n’ibindi bamenyesha ko ari ugushaka gutoteza abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG