Uko wahagera

Visiperezida Nzomukunda Yahamagawe Atarangije Urugendo Rwe mu Bubiligi .


Ntaho vyari bwakaboneke yuko umutegetsi akomeye nk’icegera c’umukuru w’igihugu ahamagarwa gihutihuti , akagaruka mu gihugu atarangije urugendo rwiwe yari yateguye. Icegera ca kabiri c’umukuru w’uburundi Alice Nzomukunda yahamagawe gutahuka vyihuta ari mu gihugu c’Ububiligi aho yariko ashaka kubonana n’abategetsi b’ico gihugu, be n’abategetsi b’ishirahamwe ry’abanyabulaya ariko ntivyashoboka.

Abakuru b’ishirahamwe ry’Abanyabulaya bari bamenyesheje kw’igenekerezo rya kabiri ukwezi kwa gatanu uno mwaka yuko atamwanya bafise wo kwakira icegera ca kabiri c’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Alice Nzomukunda.

Kuruhande rw’abategetsi b’Ububiligi, ibiro vy’icegera ca kabiri ca Présida w’Uburundi bimenyesha ko ata nyishu yemeza canke ihakana yuko bobonana n’uyo mutegetsi w’Uburundi Ababaligi bigeze batanga . Mugabo, mu nyuma , Ububiligi bwoba bwahavuye bwemera yuko Alice Nzomukunda ashobora kubonana n’abakozi bato bato .

Ibiro vy’icegera cakabiri ca Prezida w’Uburundi vyemeza yuko kwakirwa n’abantu bato arico catumye abategetsi b’Uburundi bahitamwo guhamagara Alice Nzomukunda ngo atahuke . Nawe yaciye atahuka kuruyu wa kane, inyuma y’umuhingamo.

Gushika ubu nta mutegetsi n’umwe arasigura icatumye icegera ca kabiri c’Umukuru w’Uburundi atahuka gihutihuti , canke ngo asigure igituma abategetsi b’Abanyabulaya n’Ababiligi banse kwakira umutegetsi ari mu bakuru bakomeye ba kino gihugu. Na alice Nzomukunda ubwiwe ntaco yabwiye abamenyeshamakuru, atari uko yabaramukije aho kubishura kubibazo bashaka kumubaza kuri urwo rugendo rwiwe.

XS
SM
MD
LG