Uko wahagera

Abantu 4 Barwanya Ihonyabwoko i Burundi Barafunzwe


Abanywanyi b’ishirahamwe rirwanya ihonyabwoko i Burundi, AC Genocide, bahagaritswe. Abo ni Tatien Sibomana, Aline Ngendanakazi , Popon Mudugu n’userukira AC Genocide mu ntara ya Gitega, Gaspard Mbonankira. Bahagaritswe n’umushikirizamanza mukuru w’intara ya Gitega, Dieudonnée Ndabarushimana.

Nkuko umushikirizamanza wa repubica i Gitega yabitubwiye, ishirahamwe rirwanya ihoyabwoko i Burundi, AC Genocide rirazwi n’amategeko, mugabo abanywanyi baryo ngo bashaka kugira inama idaciye mu mategeko, arico gituma baciye bahagarikwa. Ariko Pascal Irariha asanzwe ari muri AC Genocide avuga yuko uruhusha barufise kuva mu kwezi kwa mbere uno mwaka.

Umukuru wa AC Genocide i Burundi, umwigisha wa kaminuza Venant Bamboneyeho, yatumenyesheje ko ifatwa ryabo bantu ritumvikana kubera basanzwe bagira inama iminsi yose igenekerezo rya 21 z’ukwezi kugira bibukanye ababo bagandaguwe inyuma y’iyicwa rya Melchior Ndadaye umuprezida wambere yari yitorewe n’abanyagihugu.

Ligue Sonera riharanira agateka ka zina muntu rimaze kwiyamiriza ifata ry’abo bantu. AC Genocide ryiyamiriza iyubakwa ry’ikibuga c’indege i Bugendana mu ntara ya Gitega, ngo iyo yoba ari inzira yo kwibagiza abantu bagandaguriwe aho i Bugendana.

XS
SM
MD
LG