Uko wahagera

Ikibazo cya Ruswa mu Burundi


Ukugene ivyerekeye kurya ibitutire vyifashe muri iki gihe mu Burundi bifatiye ku maroregwa aherutse kuba mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD/FDD: Ikiganiro mugenzi wacu Fidele Niyongabo yagiraniye n’umukuru w’ishirahamwe rijejwe kugwanya ibiturire n’isesagugwa ry’itunga ry’igihugu, mu ncamake OLUCOME, Gabriel Rufyiri:

Mu kiganiro mugenzi wacu Fidele Niyongabo yagiraniye na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe rijejwe kugwanya ibiturire n’ugusesagura itunga ry’igihugu mu Burundi mu ncamake, OLUCOME, yamubwiye ko amaroregwa yerekeye ibiturire aherutse kwibonekeza mu mugambwe CNDD/FDD azogira ingaruka zikomeye mu gihugu haba ku vyerekeye ubutunzi canke ubuzima bwa misi yose bw’abanyagihugu.

Yatangaje kw’iyo nyifato izotuma abari bizigiye umugambwe CNDD/FDD bazeruka kubera bazoba babonye ko imihango uwo mugambwe wari watanze mu gikogwa c’ukwiyamamaza mu kuvugako uzorandurana n’imizi indwara y’ibituriire yabaye amasigaracicaro.

Umushingantahe Rufyiri yavuze kandi ko n’ibihugu hamwe n’amashirahamwe bitanga infashanyo navyo nyene bitazoshoka bitanga infashanyo n’amadeni mu gihe ibiturire bicitse umuco mu gihugu. Rufyiri avuga kandi ko ata gishika n’ibanyamitahe bazogira c’ukuzana imitahe yabo mu gihugu kirangwa na ruswa.

XS
SM
MD
LG