Uko wahagera

Carolyn Mac Askie Yasezeye Aburundi Arira


Carolyn Mac Askie yari amaze imyaka ibiri ahagarariye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu Onu mu Burundi yarangije amabanga yiwe.

Ku kibuga c’indege ca Bujumbura ariko arasezera, umufasoni Carolyn Mac Askie yakoroye amosozi kubera avuye i Burundi. Yagize ati: « Murabona yuko mbabaye kubona nsize abo twakoranye neza i Burundi ».

Umufasoni Carolyn Mac Askie aturuka muri Canada yatangaje yuko Uburundi bwamaze kwinjira mu nzira y’amahoro, asaba Abarundi kubandanya ibiganiro gushika aho amahoro nyakuri azoboneka mu gihugu cose.

Naho yariko arakorora amosozi yemereye Uburundi yuko azoguma akora uko ashoboye kose kugira amakungu agume afata mu mugongo Uburundi, haba mu butunzi canke mu vyerekeye ivya politique.

Amabassadeur Nurelidi Satti uturuka muri Sudani ni we abaye arahagarariye Onu i Burundi ivyo imfatakibanza.

Tubibutse yuko Carolyn Mac Askie yari amaze imyaka ibiri mu Burundi. Yategerezwa gutahuka mu kwezi kwicumi na kabiri mu mwaka uheze ariko yongewe amezi atatu kugira amarire amadosiye yari yatanguye.

XS
SM
MD
LG