Uko wahagera

Carolyn Mac Askie Wari Uhagarariye ONU Mu Burundi Yarangije Imirimo Ye


Umufasoni Carolyn Mac Askie yahora ahagarariye ishirahamwe mpuzamakungu Onu i burundi , yarangje akazikiwe i Burundi.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, Carolyn Mac Askie yamenyesheje yuko anezerejwe n’aho umugambi w’amahoro ugeze i Burundi, cane cane yuko ingabo yari ashinzwe kurongora zigenjeje neza kandi zanatereye muri vyinshi nko mumatora aherutse. Vyongeye Mac Askie yavuzeko yari afise imigenderanire myiza cane na leta y’Uburundi.

Ariko umufasoni Mac Askie yatangaje yuko ugiye kumusubirira afise akazi katoroshe na burya hari ibintu vyinshi bitarashoboka. Akarorero ni ugukura ibirwanisho mu banyagihugu, gusubiza mu zabo abahoze barwana, “démobilsation”, n’umuhari FNL Palipehutu ya Agaton Rwassa ikigwana. Aha yaciye asaba abategetsi bakino gihe, kubandanya barondera FNL ngo ize mu biganiro.

Umufasoni Carolyn Mac Askie yavuze ko yari kurangiza akazi kiwe muri Kigarama umwaka uheze, mugabo yiyonngeje amezi atatu kugira ashobore kumara amadosiye yari yatanguye.
Abajijwe ko yabanye neza n’abamenyeshamakuru , yavuzeko vyashitse bamwe bakamuvuga nabi mugabo ngo ntaco bitwaye, ahanini nabonyene babanye neza.

Nureldine Satti niwe abaye arasubirira Carolyn Mac Askie vy’imfatakibanza.

XS
SM
MD
LG