Uko wahagera

Ligue Iteka Mu Burundi Imaze Imyaka 15 Ikora


Kuri uyu wa 12/02/2006 Ligue Iteka, ishirahamawe rirwanira agateka ka zina muntu, irakwije imyaka 15 ikorera mu gihugu c’Uburundi. Ligue iteka, muri kino gihe, ifise abanywanyi bashika ibihumbi bitatu basanzwe bari mu masegisiyo 20. Ligue iteka ifise kandi abakozi bakwiragiye mu gihugu cose bakwirikiranira hafi agateka k’abanyagihugu.

Umukuru wa ligue iteka mu Burundi, Jean Marie Vianney Kavumbagu amenyesha ko, muri iyo myaka 15, bakoze vyinshi, cane cane gufasha mu butungane abantu bose baryituye, iyo basinzikarijwe ubuzima bwabo.

Vyongeye, umukuru wa Ligue Iteka, Jean Marie Vianney Kavumbagu, arakenguruka ingene Abarundi basigaye bazi aho badodora iyo barenganijwe:

«Intambwe yo kugwanira agateka ka muntu mu Burundi irashimishije kuko abantu bo nyene basigaye bazi aho bitura iyo barenganijwe.»

Ligue iteka yashinzwe n’abagabo n’abafasoni bari mu bwoko bwose kugira baharanire amahoro n’agateka ka zina muntu. Iryo shirahamwe rikorana n’ayandi mashirahamwe menshi nka OAG, ishirahamwe rikwirikiranira hagufi ibikorwa vya leta, na Global Rights, ishirahamwe ryegamiye Abanyamelika.

Kuri uyu wa 12/02/2006 aho Ligue Iteka rihimbaza imyaka 15 rimaze rikora, abanywanyi baryo bo mu gisagara ca Bujumbura bamaze umunota mu gacere kugira bibuke umwe mu bashinze iryo shirahamwe, Musenyeri Berenarudo Bududira, aherutse kwitaba Imana.

XS
SM
MD
LG