Uko wahagera

I Burundi Gufata Ku Ngufu Ntibikinyegezwa


Mu gihugu c’Uburundi gufata abakenyezi ku nguvu ntibikiri ibinyegezwa, ahubwo n’abagabagabo niko kuko barafatwa n’abakenyezi ku nguvu , canke abagabo bagafata ku nguvu abagabo canke abana b’abahungu.

Ikibababaje nuko abakoze ico caha badahanwa bikomeye.

«Jewe intwaro nshasha ico noyisaba, ni uko boza barabwira abasirikare bayo bakaja barigora bakareka gufata abakenyezi ku nguvu. Kuko abakenyezi bibazanira ingaruka mbi; igihano c’umuntu afashe umukenyezi ku nguvu ari agasho ko guhera mu munyororo kubera na we ivyo aba yamugiriye ataba ari vyiza. »

Ayo majambo nayo umufasoni aturuka mu ntara ya Cibitoke ca Rugombo aherutse gufatwa ku ngufu n’abagabo bitwaje ibirwanisho. Ariko asaba abategetsi y’uko abagirira abakenyezi ivya mfurambi bakwiye gufungwa, bagahera mu munyororo.

Uyo mugore twamusanze mu kigo citwa « Seruka », ikigo gifasha mu buryo bwinshi abagiriwe ivyamfurambi, haba abagabo canke abakenyezi n’abana nyene. Uyo mufasoni ntiyashimye yuko tumuvuga, canke tumwandika izina ryiwe, aravuga ingene ivyo vyago vyamushikiye :

« Jewe baraje ari abasuma b’ijoro. Bamaze kunyuguruza, twari turyamanye na muramukaza wanje. Baransohora hanze, bantwara mu gashamba, niho baza bangirira ivyo vya mfura mbi . Nca nsigara aho mw’ishamba, nabo baca baragenda. Haheze iminsi itatu, k’umunsi ugira kane niho naca nza hano kwa muganga. Ingene nashitse ngaha , hari umugore yari amaze kuza hano, niwe yaciye ahandangira. Nca mfata imodokari ndaza. Ego baramvuye ariko nasanze naragize ingorane, nsanga nanduye umugera wa sida. Ariko gushika nubu baracanyitaho.Barankurikirana ku vyerekeye ubuzima bwanje.»

Muganga Sabimana Sabina avura aho muri ico kigo Seruka. Avuga yuko abantu baza kubitura, babavura ku buntu. Babakingira indwara, cane cane ya sida, iyo bashitse muri ico kigo imbere y’amasaha 72, be n’izindi ndwara ziciye mu bihumba vy’irondoka.

Muganga Sabimana Sabina arongera ati :

« Ibintu dufasha abantu bafashwe ku nguvu, turabakira hanyuma, tukabasuzuma, tumaze kubasuzuma, tukabaha iyo miti yo kubakingira indwara ziciye mu bihimba vy’irondoka, harimwo na sida, tukabaha imiti yo kubakingira indwara ya tetanosi, tukabavura n’izindi ndwara boba baciye bagira kubera gufatwa ku nguvu, nk’ibikomere bashobora kuba bagize, n’izindi ndwara bashobora kwandura. »

«Ku kwezi turonka abantu bashika 120. Abantu bagirira ivya mfura mbi hari abacivile, abasirikare, abitwaje ibirwanisho. Hariho n’abana bagirirwa ivya mfurambi; hari n’abagabo bagirwa ivyamfurambi n’abandi bagabo benewabo, canke abagore bagafata abagabo ku nguvu. N’abantu bose bagirirwa ivya mfura mbi »

Abagiriwe ivya mfura mbi, aho mu kigo Seruka, ntibavurwa k’umubiri gusa. No k’umutima barabageragereza mu kubaha impanuro kugira ntibihebure, kugira uwagiriwe ivya mfura mbi, asanzwe yubatse, ntagiriranire ingorane n’uwo basanzwe bubakanye.

Josiane Christella Karirungeye ashinzwe imibano muri ico kigo Seruka asigura yuko ababitura bari kubiri.

« Ubwa mbere hari abashika imbere y’amasaha 72. Abo baba bafise ingorane yuko boba banduye umugera wa sida, bakumva yuko boba batwaye imbanyi batifuje. Abo kenshi barabaremesha muk ubaha imiti ishobora kubibakingira izo mbanyi. »

«Umurwi ugira kabiri ni abaza bamaze kurenza amasaha 72. Barihebura kubera baba bazi yuko batwaye imbanyi canke banduye umugera. Na bo nyene turabaremesha, utarakwiza amezi nk'atatu canke atandatu, turamuremesha akaba ararindiye kuko atari bose bashobora gufatwa n’iyo ndwara , kuko bishobora gushika ntiyandure. Nk’uyo mufasoni wo mu Cibitoke birashika yuko ashobora kwihebura kuko n’abandi birabagora iyo bumvise yuko bafise umugera wa sida. »

« Mu nyuma turabereka yuko sida ari indwara nk’izindi, kuko hariho abantu benshi bashobora kurambana umugera wa sida, kandi bakabandanya barangura neza akazi kabo ka minsi yose. Hari naho duca tubatwara mu yandi mashirahamwe asanzwe yakira abandi bamaze kwandura umugera, bikabafasha kuyaga nabo bandi. »

Vyongeye Josiane Christella Karirungereye asigura yuko abafashwe ku nguvu babateye sida, barabatekerera impanuro z’uko kugwara sida atari umuvumo w’imana . Umuntu arashobora kuyikorana ibintu bitari bike kandi akayirambana.

Ntirampeba Asteri, umushikirizamanza wa Republica mu ntara ya Ruyigi, ahasanzwe havugwa cane ivyo gufata ku nguvu abakenyezi, asigura y’uko icaha co gufata abakenyezi ku nguvu gihanwa n’amategeko. Ico caha ngo gihanishwa umunyororo w’imyaka itanu gushika kumyaka 20.

« Urashobora kurenga mu gihe uyo muntu yafashe ku nguvu uyo mukenyezi, yaciye yongera akamwica. »

Turetse ico caha, umushikirizamanza wa republica avuga y’uko umuntu nk’uyo aba ari umwicanyi. Muri icogihe, uyo muntu arashobora no gukatirwa umunyororo ubuzima bwiwe bwose canke co gupfa.

Umuntu nawe afise nk’imyaka 40 afashe umufasoni w’imyaka 35 canke 30 , ntahanwa co kimwe n’umuntu afise imyaka 40 yafashe kunguvu umwana w’imyaka ibiri, itatu canke umwana afise umwaka umwe gusa.

Tubibutse yuko ikigo Seruka kimaze imyaka ibiri i Burundi gifasha abantu bagiriwe ivya mfurambi. Umukuru w’Uburundi ubwiwe, Petero Nkurunziza, yaramenyesheje ko abantu bose bafashe abakenyezi ku nguvu, bamaze gushika mu mabohero batazoronka ikigongwe c’agataganyo.

Ivyo i Burundi ntivyoroshe ; hasigaye hariho abagore bafata abagabo ku nguvu, co kimwe n’abagabo bafata abagabo benwabo ku nguvu.

XS
SM
MD
LG