Uko wahagera

Mu Burundi Kwiyamamaza mu Makomini ngo Byabaye m'Umutekano


Mu nyuma y’ibikorwa vyo kwiyamamaza mu matora y’abahanuzi ba Komine, urunani rw’amashirahamwe yigenga rujejwe gukurikirana ibijanye n’amatora ariko arabera mu Burundi rumenyesha y’uko muri ico kiringo abantu bashika kuri bane ari bo bagandaguwe mu ntara za Gitega, Bubanza, Kayanza na Mairie ya Bujumbura.

Urwo runani rurerekana kandi y’uko mu bice bimwe bimwe vy’igihugu habaye iterabwoba rigirirwa abanyagihugu bahorwa umugambwe baturukamwo. Mu ntara ya Kayanza amazu yaraturiwe, imigambwe nka Frodebu na CNDD-FDD nayo isa n’iyiterana amajambo atabereye munntara ya Ngozi.

Ku rundi ruhande urwo runani rumenyesha ko hariho imigambwe nka FRODEBU na UPRONA yakoresheje mu bice bimwe bimwe vy ‘igihugu uburyo bwa reta mu gikorwa co kwiyamamaza.

Urunani COSOME rwishinze gukurikirana ibijanye n’amatora rumenyesha y’uko ivyabaye bihambaye ari ko ko muri rusangi igikorwa co kwiyamamaza cabaye mu
mutekano ugereranije n’uko cagenze mu mwaka w’ 1993. Tumenyeshe ko muri ico gikorwa co kwiyamamaza urwo runani rwari rwarungitse umurorererzi umwe umwe
mw’ikomine yose mu makomine agize igihugu.

Urwo runani rutera akamo k’uko ibikorwa vyo kwiyamamaza bizokurikira vyoba mu mutekano gusumba uko vyagenze muri kino gihe.

Mu gihe buca amatora y’abahanuzi ba komine aba, urwo runani COSOME rumenyesha ko rwarungitse mu gihugu cose abarorerezi barwo bagera ku 900. Icegera c’umukuru w’urwo runani Pie Ntakarutimana amenyesha y’uko ico gitigiri kingana n’uburyo rufise, kandi y’uko gikwiye ku buryo gishobora gutuma abantu bamenya ukugene ibijanye n’amatora biriko biragenda.

Ikwiragizwa ry’abarorerezi mu bice bitandukanye vy’igihugu ryisunze ibitigiri vy’abatora, kuko nk’uko Piyo Ntakarutimana icegera c’umukuru warwo abivuga
bishobora kugira ico bihindura ku kugene amatora agenda. Nko mu ntara za Gitega, Ngozi na Kayanza, urwo runani rwahashize abarorerezi mu bibanza vyose
vy’amatora.

XS
SM
MD
LG