Uko wahagera

Intwaro Zitemewe Ziracyari Nyinshi muri Afurika yo Hagati


Umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare gishasha c’Uburundi, General de Brigade Germain Niyoyankana yaraturiye icese ku musi wa kabiri ku muhingamo inkoho zigera hafi 200. Ico kikaba nk’uko yabimenyesheje ikimenyetso c’uko reta y’Uburundi yiyemeje kurwanya uruja n’uruza rw’ibirwanisho mu gihugu. Uyo musi wari uhuye n’imyaka itanu irangiye i Nairobi mu gihugu ca Kenya habereye ivyiyemezo bijanye n’irwanywa ry’ibirwanisho bito bito mu turere tw’ibiyaga binini no mu buseruko bwa Afrika (Corne de l’Afrique)

Indyane zivuye ku mvo zitandukanye zatumye uruja n’uruza rw’ibirwanisho mu karere k’ibiyaga binini rwiyongera. Mu Burundi, abanyagihugu benshi bageramiwe n’ingwano idahera baciye barondera ibirwanisho kugira ngo bikingire.

Umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare gishasha c‘Uburundi, General de Brigade Germain Niyoyankana, yamenyesheje y’uko irwirirana ry’ibirwanisho ari ryo rituma ubwicanyi n’ubugizi bwa nabi biguma vyiyongera mu gihugu, cane cane ku mirwa mikuru. Yasavye y’uko hoba ugukorana hagati y’ibihugu kugirango umugambi wo kurwanya urwo ruja n’uruza ushoboke, no kuvyumvisha y’uko wobera mu kiringo kimwe.

Ibiro vy’umunyamabanga ajejwe uyo mugambi biri i Nairobi mu gihugu ca Kenya bisabwa kurondera abagiraneza botanga uburyo kugira ngo uranguke. Abanyagihugu ku bwabo bategerezwa kwumva ko uyo mugambi ubega, bakongera bakemera gusubiza ibirwanisho ku gushaka kwabo, bakanafasha mu gucungera urudandazwa rwavyo rudaciye mu mategeko.

XS
SM
MD
LG