Uko wahagera

ONU ngo Amatora y'Itegeko Nshinga mu Burundi Ni Intambwe Ikomeye


Mu Burundi, umurwi ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’i Arusha umenyesha ko iyemezwa ry’ibwirizwa shingiro ari intambwe ihambaye Abarundi baraye bagize.

Uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU mu Burundi, akongera akaba n’umukuru w’umurwi ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro y’i Arusha, yaramenyesheje icese ku musi wa kane y’uko anezerejwe n’itorwa ryibwirizwa shingiro mu Burundi. Umupfasoni Carolyn Mac Askie avuga y’uko ari intambwe iboneka Abarundi baraye bagize. Yatanze icizere c’uko umuryango mpuzamakungu, akarere hamwe n’umuhuza, bibafashe mu mugongo.

Tumenyeshe y’uko mu misi iri imbere Inama Nshingamateka Mfatakibanza igiye kuzokwihweza kugira ngo yemeze integuro z’amategeko abiri, irizogenga amatora, hamwe n’irizogenga amakomine mu nyuma y’intwaro mfatakibanza. Ayo nayo nyene akazohava ajanwa imbere y’abarundi kugira ngo atorwe mu misi iri imbere.

Mu nama igira iya 26 umurwi ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’i Arusha uzokwihweza y’uko izo nteguro z’amategeko zijanye n’ivyapfunditswe mu masezerano y’i Arusha.

Ishirahamwe ONU rirashimishwa n’umutekano waranze igihe c’amatora mu gihugu cose harimwo intara ya Bujumbura-rural isanzwe ikirimwo abarwanyi b’umuhari Palipehutu-FNL. Uwuserukira umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe mu Burundi amenyesha ko ari ikimenyetso c’uko ihagarikwa ry’intambara atari agaseseshwa rumuri.

Carolyn Mac Askie arashima agahengwe katanzwe n’umuhari FNL yongera awusaba hamwe
n’abategetsi bawo ko boguma bakurikiza ivyo biyemeje no mu matora azokurikira. Yasavye ashimitse igisirikare gishasha c’igihugu, be na CNDD-FDD, y’uko bokwirinda ivyo vyose vyotuma umutekano w’abanyagihugu uhungabana muri
Bujumbura-rural.

XS
SM
MD
LG