Uko wahagera

Burundi:I Bujumbura Hateraniye Inama yo Kurwanya Malaria


Ikoraniro ry'ibihugu bihurikiye mu runani EANMAT rujejwe kurwanya ingwara ya malariya ririko riraba i Bujumbura guhera kuri uyu wa kabiri. Iyo nama yama iba ukwo amezi ane arangiye, bukaba bubaye ubwa mbere ibereye mu Burundi.

Intumbero y'iyo nama igira iya 22 y'iryo shirahamwe, n'ukugira ngo ibihugu birihurikiyemwo bishobore kwerekana aho bigeze mu bushakashatsi, bujanye no kurwanya ingwara ya malaria, n'ukugene iryo shirahamwe ryoronka uburyo bwo kurangura ibikorwa ryishinze. Ivyo bihugu vyose ari vyo, Kenya , Uganda, Rwanda, Tanzania, Zanzibar , n'Uburundi vyama na ntaryo bigerageza imiti y'iwabo kugira ngo birabe y'uko ubushobozi bwayo buguma bukwiye.

Mu burundi amavuriro azogirirwamwo ubwo bushakashatsi aramaze kugenwa, na yo akaba ari mu turere twa Buhiga mu ntara ya Karuzi, Ninga mu ntara ya Bubanza, Mutoyi mu ntara ya Gitega, Cankuzo, na Kigobe muri Bujumbura.

Umushikiranganji w'Uburundi ajejwe amagara y'abantu Jean Kamana amanyesha y'uko ibice 80 % vy'abanyagihugu bafise imigera izana ingwara ya malaria, uturrere irwiriyemwo natwo tukaba tubamwo ibice 56 % vy'abantu.

Ukwo ibintu bimeze, vyunyurwa n'uko inyubakwa zimwe zimwe zahora zirangurirwamwo ibikorwa vyo gukingira amagara y'abantu zitagikora bivuye cane cane ku ngwano ihitiye mu Burundi, bigatuma malaria iba iya mbere mu ngwara zituma igitigiri kinini c'abantu bapfa mu Burundi.

Uburyo bushirwa imbere mu kurwanya malaria mu bihugu bitari bike vya Afrika, ni uko yopimwa umuntu atarasinzikara, n'ukumuvuza imiti ituma akira n'ingoga, bifatanijwe no gukoresha umusegetera urimwo umuti wica imibu.

Kukaba nkako ibikorwa vyo kurwanya iyo ngwara vyahuye n'intambamyi y'uko umukorobe wa malariya ariwo plasmodium palciparum utaba ucicwa n'imiti nka chloroquine canke sulphadoxine-perimethamine (fansidar) yari isanzwe ikoreshwa mu kuyivura, ivyo bikaba vyashitse mu Burundi kuva mu mwaka w'1984.

Ivyo vyatumye Uburundi bufata ingingo yo kuyisubiriza artesunate na amoniaquine bisukiranye, ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y'ubuseruko navyo bikaba vyaciye biburabirako akarorero mu gukoresha imiti isukiranye irimwo artemisine.

Mu nyuma y'iyo nama ikoraniye i Bujumbura, abayitavye bashaka guhanahana inkuru y'imvaho ijanye n'uburyo buhagije bwo kuvura iyo ngwara, kugira ngo barabe ingendo yoba ibereye yofatwa mu karere ka Afrika yo mu Buseruko mu kuyivura.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano

XS
SM
MD
LG