Umunyapolitike akomeye atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Uganda ari mw’ibohero muri iki gihe, arakeneye kubonana n’ abaganga mu buryo bwihutirwa. Vyatangajwe n’umushingwamanza amuburanira, uyu musi ku wa kane.
Kizza Besigye, amaze guhiganira iibanza c’umukuru incuro zine, apfungiwe mu gihugiu ciwe ca Uganda kuva afatiwe mu gihugu ca Kenya, agatwara mu gihugu ca Uganda ku ngucu kw’itariki 16 y’ukwezi kwa 11. Umushingwamanza wiwe, Erias Lukwago yatangaje ko Besigye, afise ikibazo c’umuvuduko w’amaraso.
Sentare ya gisirikare muri Uganda, yagiriza uyo mugabo afise imyaka 68 hamwe n’umufasha wiwe ivyaha birimwo kuba yari atunze ibigwanisho adafitiye uburenganzira hamwe no kugeramira umutekano w’igihugu.
Imwagiriza kandi ivyaha vyo guhemuka, ivyaha bishobora gutuma acirwa urubanza rwo kwicwa, nk’uko amategeko ya gisirikare y’ico gihugu, abivuga.
Ejo ku musi wa gatatu, Erias Lukwago, umushingamanza Besigye, yaramugendeye mu kanya gato mw’ibohero ricungerewe cane apfungiwemwo. Mu nyuma yaciye atngaza ko Besigye akeneye kubonana n’abaganga banonosoye ingwara zijanye n’umuvuduko w’amaraso. Yavuze ko ibitaro vyo mw’ibohero apfungiwemwo, bidafise abaganga nk’abo.
Ipfungwa ryiwe, rirababaje Abanyauganga batari bake, kandi amashirahamwe ajejwe agateka ka zina muntu arimwo, Amnesty Internationl aramaze gutangaza ko ipfungwa ryitewe rihonyanga agata ka zina muntu.
Forum