Uko wahagera

Ubuhindi Bwizera ko Bugiye Gukorana Neza na Amerika


Prezida wa Amerika kumwe n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi, Narendra Modi.
Prezida wa Amerika kumwe n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi, Narendra Modi.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi, Narendra Modi, kuri uyu wa gatatu, azotangura urugendo rw'imisi ibiri muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abategetsi b’Ubuhindi bafite icizere ko urwo rugendo ruzorangwa n’ugukorana gushasha kandi gufise akamaro gakomeye kurushiriza hagati y’ibihugu vyompi.

Yamara abitegereza ibintu n’ibindi, bavuze ko Modi na Prezida wa Amerika, Donald Trump, bazogira ku bibazo bitoroshe vyerekeye ubudandaji n’abimukira. Ni ibibazo Prezida Trurmp ashimikirako kurusha ibindi.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubuhindi, Vikram Nisri, yatangaje ko imigenderanire hagati y’igihugu ciwe na Amerika ikomenye cane. Modi azoshika i Washington inyuma y’uko agendeye Ubufransa, aho yitavye inama mpuzamakungu ku bwenge bukorano.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubuhindi yavuze ko ubudandaji bufise akamaro gakomeye cane hagati y’ibihugu vyompi, kandi ko Ubuhindi bwafashe ingingo zigenewe kwerekana ko bwiteguriye kwishura ku mpungenge Prezida Trump afise.

Trump yashize Ubuhindi ku rutonde rw’igihugu bitangisha amatagisi y’umurengera ku bidandazwa bivuye muri Amerika. Abategetsi b’Ubuhindi bashaka kwirinda ibibazo mu vy’ubutunzi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bwatangaje, mu ntango z’uku kwezi, ko bazogabanya amatagisi batangisha ku bidandazwa bimwe bimwe bivuye muri Amerika.

Ivyo birashobora kuzozanira inyungu amasosiyete yo muri Amerika ashorera ibidandazwa hanze, nk’ayakora amapikipiki n’imodoka vyo ku rwego rwo hejuru. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG