Icegera ca Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, J.D. Vance, yabwiye abategetsi b'ibihugu vy'i Bulaya ko amategeko y'umurengera ashobora kuzozimanganya ubwenge bukorano.
Ivyo icegera ca Prezida wa Amerika, JD Vance, yabitangaje mu nama ku bwenge bukorano y’abayobozi b’amashirahamwe n’abakuru b’ibihugu yabereye i Paris, ku murwa mukuru w’Ubufransa.
JD Vance yavuze ko kugenzura uburyo ubwo buhinga bukora ari ukuniga uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro mu mwidegemvyo. JD Vince yasiguye ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ifise imigambi yo kuguma iri imbere y’ibindi bihugu vyo kw’isi mu bijanye n’ubwenge bukorano. Ikaba igwanya yivuye inyuma inyifato y’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya yo gushiraho amategeko akomeye agenga ubwo buhinga bwa none.
JD Vance yavuze ko Amerika ibona ko ubuhinga bukoresha ubwenge bukorano butegerezwa kutajamwo ivyiyumviro vya politike bihengamye, kandi ko muri Amerika ubwo bwenge butazokoreshwa mu buryo bwo kugeramira ivyo abantu biyumvira.
Abashingamateka ku mugabane w’Ubulaya, mu mwaka urangiye, baremeje amategeko agenga ubwenge bukorano. Yabaye amategeko ya mbere kw’isi agenga uburyo ubwo buhinga bushasha bukoreshwa yashizweho. (VOANEWS)
Forum