Uko wahagera

Abazungu bo muri Afurika y'Epfo Banse Guhungira muri Amerika


Abazungu b’Abanyafrika y’epfo banse akamo Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yabateye abasaba guhungira muri Amerika, mu ntumbero yo guhunga akarenganyo yavuze ko babamwo.

Iyo nyishu itumye abategesi bo muri Amerika babona ko ikibazo c’ukwimura abazungu b’Abanyafrika y’epfo kitihuta nk’uko bari bavyibajije, kubera n’amashirahamwe avugira abazungu, abona ko ikibazo c’ababirabure bagize umurwi munini muri Afrika y’epfo boba bacinyiza abazungu, gikwiye gutorerera umuti mu gihugu.

Ku musi wa gatatnu w’indwi iheze, Prezida Trump yarateye igikumu ku ngingo y’umukuru w’igihugu ihagarika imfashanyo yahora ihabwa igihugu ca Afrika y’Epfo, kubera ingingo yafashwe na Prezida waco Cyryl Ramaphosa isubiramwo ukuntu amatongo yatanzwe mu buryo dudakwiye kuri ca gihe c’intwaro y’abazungu.

Ingingo Prezida Trump yateyeko igikumu iha uburenganzira Abazungu b’Abanyafrika y’epfo, barenganywa kubera urukoba rwabo, bwo guhungira muri muri Amerika, bakakirizwa yompi.

Abazungu b’Abanyafrika y’Epfo, bazwi nka Africaners, bimukiyeyo bava mu gihugu c’Ubuholande no mu Bufarasna, ni bo bafise amatongo menshi muri Afrika y’Epfo.

Aho yumviye ico ciyumviro c’abategetsi bo muri Amerika, umwe muri bo, Neville van der Merwe, afise imyaka 78, aba hafi y’igisagara ca Cape Town, yagize ati: Udafise ingorane ngaha, ni kuki wokwipfuza kuja ahandi?”

Ingingo ijanye n’itangwa ry’amatongo prezida wa Afrika y’Epfo agiye gusubiramwo ni ingingo avuga ko zarenganije abirabure, aho usanga ibice bitatu vya kane vy’amatongo yose y’abigenga ari mu minwe y’abazungu bari ku rushi muri ico gihugu.

Forum

XS
SM
MD
LG