Uburundi buheruka kurungika abandi basirikare babwo muri Republika ya demokarasi ya Kongo. Umwe mu bategetsi mu gisirikare c’Uburundi yahaye ano makuru bagenzi bacu bo mw’itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, avuga ko ibatayo y’abasirikare Uburundi bwarungitse yashitse mu buseruko bwa Kongo ku wa kane w’ino ndwi.
Uwo mutegetsi mu vya gisirikare n’abandi bategetsi babiri mu vy’umutekano batashimye ko amazina yabo atangazwa, bavuze ko ibatayo Uburundi bwarungitse igize iya 16 Uburundi burungitse muri Kongo.
Abahaye amakuru AFP n'igisata c'Igifaransa kw'Ijwi ry'Amerika, birinze kuvuga yamara igitigiri c’abasirikare bashasha Uburundi bwarungitse muri Kongo gufasha abasirikare ba reta y’ico gihugu, mu ntambara barimwo n’umurwi wa M23 urwanya ubutegetsi bwa Kongo.
AFP ivuga ko Uburundi bwari busanzwe bufise muri Kongo ingabo zigera ku bihumbi cumi. Mu misi yahera, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Jenerari de Brigade Gaspard Baratuza mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika, yaremeye ko Uburundi bufise ingabo muri Kongo, ariko na we nyene yaranse gutomora ibitigiri vy’abariyo. Yavuze ko bahagaze neza.
AFP ibandanya kuvuga ko Uburundi burungitse izindi ngabo muri Kongo, mu gihe ubwoba bw’uko abarwanyi ba M23 bivugwa ko bashigikiwe n’u Rwanda, bashobora kugaba ibitero no kwigarurira ibice bitandukanye vya Kivu y’Epfo. Mu ndwi iheze, bigaruriye Goma, umurwa mukuru wa Kivu ya Ruguru.
Forum