Uganda yarungitse, mu kiringo c’indwi irangiye, abandi basirikare bari hagati y’ 1000 n’2.000 mu buseruko bwa Repuburika ya demokrasi ya Kongo, hafi y'akarere, reta ya Kongo iriko itanira mu mitwe n'abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23.
Ico gitigiri gishasha gitumye abasirikare ba Uganda bari ku butaka bwa Kongo bagera hagati y’i 4.000 n’i 5.000. Abo basirikare bashigikiye reta ya Prezida Felix Tshisekedi, nk’uko bitangazwa n’ishirahamwe ONU.
Uganda imaze igihe ifasha igisirikare ca Kongo kurwanya uwundi murwi urwanya ubutegetsi wa ADF.
Irungikwa ry’inteko nshasha ziri hagati y’i 1.000 n’i 2.000 riri mu gikorwa ca gisirikare co kurwanya umurwi ADF, ciswe, “Operation Shujaa”. Abategetsi ba ONU batangaje ko muri kahise, Uganda na yo nyene yashigikiye umurwi M23.
Umuvugizi w’igisirikare ca Uganda, Felix Kulayigye, yahakanye ko igihugu ciwe carungitse izindi ngabo nshasha. Yavuze ko inteko za Uganda ziri muri Kongo kugira zitegure kwivuna uwo ari we wese yotera Uganda. Nta birenga ngaho yashiikrije. Irungikwa ry’abo basirikare ryongereje ubwoba bw’uko intambara muri Kongo ishobora gutandukira akarere.
Ntaco umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru wa Kongo, Patrick Muyaya, yishuye, abajijwe n’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, niba izindi nteko za Uganda zarashitse muri Kongo.
Yamara yatangaje ko ico inteko za Uganda ziri mu buseruko bwa Kongo zishimikiyeko, ari kurwanya umurwi ADF, naho batazi neza ivyo bakorana n’umurwi M23. Yavuze ko gushika ubu reta ya Kongo yinuba cane Uganda, ku bucuti ico gihugu gifitaniye n’umurwi M23. (REUTERS)
Forum