Uko wahagera

Hamas Yarekuye Bamwe mu Mbohe z'Intambara ya Isiareyeri


Umurwi Hamas warekuye abandi bantu 8 wari wagize imbohe. Yamara Israyeri gushika ubu, iracatenyenya mu kurekura abanyororo b'Abanyapalestina bapfungiwe mu mabohero yayo.

Inyuma y’uko agizwe imbohe mu kiringo kirenga umwaka, Agam Berger, umusirikare w’umunyayisrayeri yarekuwe kuri uyu wa kane n’umurwi Hamas. Vyabaye hisunzwe amasezerano yo guhagarika ingwano yapfunditswe hagati y’umurwi Hamas na Israyeri.

Berger ari mu basisikare b’abapfasoni b’Abanyayisrayeri bari banyurujwe na Hamas mu gitero, uwo murwi wakoze kuri Israyeri mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2023. Abandi bantu bane bari bagizwe imbohe, barekuwe mu ndwi irangiye.

Abandi bantu barekuwe kuri uyu wa kane, ni abasivile 2 b’abanyayisrayeri n’abakozi 5 b’Abanyatayilande. Mu kwishura kw’irekurwa ry’abo bantu, vyitezwe ko Israyeri irekura abanyororo b’Abanyapalestina 110, harimwo abana 30.

Yamara reta y’umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Banjamin Ntanyahu, yaratebesheje irekurwa ryabo, kubera yatangaje ko abagizwe imbohe n’umurwi Hamas barekuwe mu kajagari mu ntara ya Gaza no mu buryo buteye agahinda.

Irekurwa ry’Abo Banyayisrayeri 8 kuri uyu wa kane, rikwije igitiri c’abari bagizwe imbohe n’umurwi Hamas 15 barekuwe kuva amasezerano y’agahengwe agiye mu bikorwa kw’italiki 19 y’ukwezi kwa mbere kw’uyu mwaka. Abandi 82 baracari mu minwe y’umurwui Hamas. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG