Uko wahagera

Umukobwa wa Zuma Yahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo Yarekuwe


Sentare muri Afrika y’epfo yarekuye umukobwa wa Jacob Zuma yahoze ari Pezida wa Afrika y'epfo. Yari yahagaritswe yagirizwa ivyaha vy'iterabwoba. Iyo sentare yamurekuye ariko iramugabisha ko mu gihe yosubira kwagirwa n’ikindi caha, azokubitwa intahe mu gahanga.

Zuma-Sambudla yari yagirijwe hisunzwe itegeko rihana iterabwoba n’ibindi bikorwa bifitayiye isano n’iterabwoba, hamwe no guhimiriza abantu gutera uruhagarara no gukora ubwicanyi. Vyafatiye ku ruhagarara n’ubwicanyi vyabaye igihe baha imyiyerekano mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2021.

Zuma-Sambudla azosubira kurenguka muri sentare kw’italiki 20 y’ukwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka. Abantu bamaze guhagarikwa bifatiye ku ruhagara rwo mu mwaka w’i 2021 ni 69: Umwe gusa muri bo ni we amaze gucirwa urubanza gushika ubu, akagirwa n’icaha.
Imigumuko yabaye mu mwaka w’i 2021, yabereye ahanini mu ntara ya KwaZulu-Natal no mu ntara ya Gauteng, aho yahitanye ubuzima bw’abantu 354.
Gusahura no kumanagura amamangazini vyatumye ubutunzi bw’igihugu buhomba amafaranga arenga imiliyaridi 50 y’amarandi (amafranga akoreshwa muri ico gihugu). Uruhagarara n’ubwicanyi vyiyongeye inyuma y’uko Jacob Zuma yahoze ari prezida wa Afrika y’epfo ahagaritswe yagirizwa ko yarenze kw’itegeko rya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro.
Iryo tegeko ryamusaba kurenguka imbere y’urwego rujejwe amatohoza kuri ruswa. (SABC)

Forum

XS
SM
MD
LG