Umukobwa wa Jacob Zuma yahoze ari Pezida wa Afrika y'epfo yahagaritswe, yagirizwa ivyaha vy'iterabwoba.
Duduzile Zuma-Sambudla umushingamateka muri Afrika y’epfo, yagirizwa ko yakokeje uruhagarara n’ubwicanyi mu migumuko yabaye mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2021. Iyo migumuko yahitanye abantu barenga 350.
Zuma-Sambulda yishikanye wenyene ubwiwe imbere y’ igipolisi kuri uyu wa kane. Yagirizwa ivyaha vy’iterabwoba hamwe no gukokeza abantu gutera uruhagarara no gukora ubwicanyi.
Umuvugizi w’igipolisi, Thandi Mbambo yatangaje ko ingingo yo kurengukisha Duduzile Zuma-Sambulda, yafashwe inyuma y’itohoza ryitondewe ryakozwe n’urwego rujejwe gukwirikirana ivyaha rwo mu gisagara ca Durban. Hari inyuma y’uruhagarara n’ubwicanyi vyahagaritse imirimo mu mwaka w’i 2021.
Umugambwe wa Zuma-Sambulda, ANC, wemeje ko yari ategekanijwe kurenguka muri sentare kuri uyu wa kane. Dosiye yiwe ifatiye ku butumwa yashize ku rubuga Twitter, muri iki gihe rwitwa X.
Yagirizwa ko yakokeje abari mu myiyerekano, abahirimiriza kwonona no kumenagura ibintu mu ruhagarara rwabaye mu gihugu cose. Urwo ruhagarara rwatanguye inyuma y’uko se wiwe, Jacob Zuma, atawe mu mvuto. (AP)
Forum