Nta muntu numwe yarokotse inyuma y'uko indege ya Amerika, American Airlines, itwara abantu isekanye n'indege y'ingwano hafi y'ikibuga c'indege co ku murwa mukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Washington DC.
Iyo mpanuka yabaye kuri uyu wa kane igihe iyo ndege yariko yegereza kandi yitegurira kwururukira ku kibuga c’indege ca Ronald Reagan National Airport, hafi y’igisagara ca Washington DC.
Abategetsi bakwirikirana uruja n’uruza rw’indege batangaje ko abasirikare batatu b’abanyamerika bari mu ndege ya kajugujugu, yariko igira imyimenyerezo yo kuguruka.
Ishirahamwe ry’indege zitwarara abantu ryo muri Amerika, American Airlines, indege yaryo yagize impanuka, yari ivuye mu gisagara ca Wichita, muri Reta ya Kansas igana igisagara ca Washington, ryatangaje ko iyo ndege yarimwo abantu 60 n’abantu bane bayikorako.
Abategetsi bajejwe gutabara, mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru, ntibemeje abapfuye muri iyo mpanuka yabaye kuri uyu wa kane. Batangaje ko ico bashimikiyeko muri iki gihe ari igikorwa co gutabara aboba barokotse.
Abajijwe niba hari aboba barokotse, umukuru w’abajejwe kurwanya imiriro mu karere ka Washington DC, John Donnelly, yavuze ko batarabimenya neza, ko yamara bariko barakora ibishoboka vyose muri iyo nzira.
Donnelley yatangaje ko abajejwe gutabara bagera ku 300 bariko bagerageza kurondera abari muri izo ndege zibiri zasekanye zikarwa mu ruzi Potomac. Yatangaje ko aho ibisigarira vy’izo ndege zibiri biri ari mu amazi y’urwo ruzi atabona neza, kandi akanye cane
Senateri wo ku rwego rw’igihugu aturuka muri Reta ya Kansas, Roger Marshall, yabwiye abamenyeshamakuru ko bagandariye imiryango y’ababo baguye mu mpanuka yo kuri uyu wa kane. Yatangaje ko kubatakaza bibabaje cane. Prezida wa Amerika, Donald Trump, ku rubuga rwiwe, Truth Social, yavuze ko impanuka yo kuri uyu wa kane ibabaje cane. Yatangaje ko ari impanuka bantu bari gushobora kwirinda. Ngo ivyabaye si vyiza na gato. (VOANEWS)
Forum