Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ON U, Antonio Guterres, yasavye reta ya Israyeri kwisubirako ku bijanye n'itegeko rishasha ribuza ishami rya ONU rifasha Abanyapalestina, UNRWA gukorera ku butaka bwayo. Bitegekanijwe ko iryo tegeko rija mu ngiro muri iyi ndwi.
Antonio Guterres yavuze ko ababajwe n’ingingo reta ya Israyeri yafashe, ca asba ko Israyeri irifuta. Hari mw’ikete yandikiye ambasaderi wa Israyeri mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ijwi rya Amerika ryashoboye kuronka.
Guterres yatangaje ko ishirahamwe UNRWA ridashobora gusubirizwa, kandi ata rindi shirahamwe rifise ubushobozi bwo gukora ivyo rirangura. Ambasaderi wa Israyeri mw’ishirahamwe ONU, Danny Danon, ku musi wa kabiri, yabwiye abamenyeshamakuru ko itegeko rishasha rya reta ya Israyeri riziririza ishirahamwe UNRWA gukorera ku butaka bwa Israyeri.
Iryo tegeko riraziririza kandi kuvugana canke gukorana hagati y’abategetsi ba Israyeri n’iryo shirahamwe. Yavuze kandi ko iryo tegeko ribuza kugumana ibiro abaserukira iryo shirahamwe ku butaka bwa Israyeri.
Ambasaderi Danon yavuze ko Israyeri izohagarika ugukorana n’ukuvugana ukwari kwo kwose n’ishirahamwe UNRWA, canke uwari we wese akorana n’iryo shirahamwe. Yasiguye ko ishirahamwe UNRWA ritegerezwa guhagarika ibikorwa vyaryo vyose, rikavana icicaro caryo mu buseruko bw’igisagara ca Jeruzalemu.
Yamara umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres, yavuze ko ingingo Israyeri yafashe, atawe ibanje kugisha inama itegerezwa kuja mu ngingo mu kiringo kiri musi y’indwi imwe, idasobanutse, kandi itajanye n’amategeko mpuzamakungu Israyeri itegerezwa kwubahiriza. Yavuze ko Ishirahamwe ONU na Israyeri vyotegerezwa kugirana ibiganiro ku bijanye n’itegeko rishasha nk’iryo. (VOANEWS)
Forum