Abakozi bo mu kigo kijejwe kwirinda no kurwanya indwara muri Amerika, US Centers for Disease Control, CDC, mu mpfunyapfunyo, bategetswe guhagarika kuvugana no gukorana n'ishirahamwe ryita ku magara y'abantu kw'isi, OMS. Ni inyuma y'uko Prezida w'Amerika, Donald Trump ateye igikumu kw'itegeko ry'umukuru w'igihugu ryakuye Amerika mw'ishirahamwe OMS.
Abitegereza ibintu n’ibindi bavuga ko iyo ngingo izogira ingaruka zikomeye cane ku twigoro twerekeye amagara y’amagara y’abantu mu makungu. Iyo ngingo yafashwe hisunzwe ingingo y’umukuru w’igihugu Prezida wa Amerika, Donald Trump, yafashe kw’italiki 20 y’uku kwezi kwa mbere yerekeye ukuva kwa Amerika mw’ishirahamwe ritha ku magara y’abantu kw’isi, OMS.
Urwandiko rwarungikiwe abategetsi b’ikigo CDC rutegeka abakozi bose barwo bavugana canke bakorana n’ishirahamwe OMS, haba kubonana amaso mu yandi canke hakoreshejwe ubuhinga bwa none guhagarika buno nyene ubwo buryo bakoresha mu kuvugana no gukorana na OMS.
Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, ni kimwe mu bihugu biha imfashanyo nyinshi y’amafaranga ishirahamwe OMS. Dogiteri Lawrence Gostin, umuhinga mu vyerekeye amagara y’abantu kw’isi, kuri kaminuza ya Georgetown, yatangaje ko ingingo itegeka abakozi b’ikigo CDC guhagarika kuvugana no gukorana n’ishirahamwe OMS, ari ingingo ititondewe na gato kandi izotuma Abanyamerika bahagirira ibibazo.
Gostin yatangaje ko mu gihe hari ibiza vyiha inkumbi biriko vyiyadukiza mu makungu nk’umugera wa Marburg n’ibicurane vy’inyoni, kuba ata kurera hamwe kuhari mu makungu ku bijanye n’amahgara y’abantu bizogira ingaruka mbi zikomeye. (CNN)
Forum